Accueil > Amagara y’abantu > Afrika : Abagwizatunga bipfuza kugabanya abahitanwa na Ebola
Afrika : Abagwizatunga bipfuza kugabanya abahitanwa na Ebola
lundi 10 Munyonyo 2014
Abagwizatunga bo muri Afrika bemeye gutanga amafaranga agera ku miriyoni mirongo itatu z’amadolari yo gufasha kurwanya ikiza ca Ebola.
Ayo mafaranga, azogenzurwa n’ibanki y’Afrika ijejwe iterambere, yatororokanirijwe mu nama yabereye ku murwa mukuru wa Ethiopie i Addis Abeba.
Ayo mafranga azokoreshwa mu guhemba abakozi bajejwe ubuvuzi bashika ijana, bazorungikwa mu bihugu bigeramiwe cane n’iyo ndwara ya Ebola arivyo Guinée, Libéria na Sierra Léone.
Ishirahamwe ry’abaganga batagira imbibe, MSF, ku munsi wa gatanu ryavuze ko Ebola yagabanutse bigaragara muri Liberia.
Floxella karire
Messages
11 Munyonyo 2014, 12:03, par mihasha guy axel
jewe nibazako abobagwiza tunga babishizemwo umwete yogabanuka.