IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Abaharura amakori basaba kw’itondera iryo tegeko

Abaharura amakori basaba kw’itondera iryo tegeko

jeudi 18 Ndamukiza 2013

Ferederiko Gahungu , umukuru w’ishirahamwe ry’abanyabigega avuga ko ingingo zimwe zimwe ziri mu nteguro y’itegeko rigenga amakori ko ritandukanye n’ibiri mw’ibwirizwa nshingiro ry’Uburundi. Iyo nteguro y’itegeko babona ko ije kwononera urwego rwabo.

Ivyo yabivugiye mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru kuri uyu wa kabiri igenekerezo rya 16 Ndamukiza 2013. Yagarutse ku ngingo zimwe zimwe zitera kutumvikana. Kubw’iwe, bizokwega ingorane zikomeye mu gisata bahurikiyemwo.
Ingingo y’135 yo muri iyo nteguro y’itegeko ivuga ko igihe hagaragaye ubusuma mw’iharura ry’ikori, umuharuzi w’ikori azotangishwa ihadabu ringana n’ibice amajana abiri kw’ijana.

Gahungu Ferederiko avuga ko iyo ngingo ataho iri mw’ibwirizwa nshingiro, ko bizohava bibagora gufasha ababigenewe. Abandanya avuga ko ata burenganzira bazosubira kuronka bwo gufasha guharura abadandaza mu gihe co gutanga ikori.
Iyo nteguro y’itegeko ibandanya ivuga ko umuntu wese abika mw’ibanki ategerezwa kuzoba afise inomero ndanga kori. Aho rero bisigura yuko ikigo OBR kizoba gifise uburenganzira bwo gukurikirana amafaranga umuntu wese azoba afise muri banki, agaheza agatangishwa ikori rijanye nayo yabikije.

Abari mw’ishirahamwe ry’uguharura basaba abakenguzamateka kwitondera iryo tegeko, bakarihinyanyura imbere y’uko ryemezwa. Baranegura n’ukubona batigeze bagishwa inama mw’itegurwa y’iryo tegeko.


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.