Accueil > Amakuru > u Burundi > Abahinga ba ONU bategekanya kugendera ubusho bw’i Bujumbura
Abahinga ba ONU bategekanya kugendera ubusho bw’i Bujumbura
mercredi 2 Ntwarante 2016, par
Abahinga batatu bigenga b’agateka ka zina muntu barungitswe n’ishirahamwe mpuzamakungu ONU gutohoza kw’ihohoterwa rya kiremwa muntu mu Burundi, barabandanya imibonano n’abategetsi batandukanye, mu rugendo rw’iminsi umunani barimwo rwatanguye kuri uwu wa kabiri. Abo bahinga bakaba bategekanya kuri uwu wa gatatu kugendera ahapfungirwa abantu, mu gisagara ca Bujumbura.
Nk’uko vyamenyeshejwe na Christof Heyns umwe muri abo bahinga, muri urwo rugendo barimwo, bazobonana n’abategetsi batandukanye b’Uburundi. Kuri uwu wa kabiri, abo bahinga ba ONU babonanye n’umushikiranganji ajejwe agateka ka zina muntu, uwaserukiye umushikiranganji w’imigenderanire y’Uburundi n’ayandi makungu, hamwe n’umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu.
- Christof Heyns umwe muri abo bahinga
Muri iyo minsi bazomara mu Burundi, abo bahinga bazobonana kandi n’umushikiranganji w’ubutungane, uw’umutekano hamwe n’abaserukira amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya poritike.
Maya Sahli-Fadel ari muri abo bahinga akavuga ko umwanya ubakundiye, bazobonana kandi n’abari mu migambwe itavuga rumwe n’ubutegetsi.
Muri iyo minsi umunani y’urugendo rwabo, abo bahinga ntibategekanije kugendera ibibanza vyavuzwe ko vyoba birimwo ibinogo vyahambwemwo abantu benshi, bakavuga ko ivyo bitari mu bikorwa batumwe. Ahubwo bikaba bitegekanijwe ko bazogendera ubusho bwo mu gisagara ca Bujumbura, mu nyuma batohoze amakuru avuga ivy’ivyo binogo rusangi, abazogendera ibibanza vyavuzwemwo akaba ari umurwi ugira kabiri uzorungikwa mu Burundi, ukazoba ugizwe n’abahinga icenda.
Abahinga batatu bari mu Burundi ni Christof Heyns (Afrique du Sud), Maya Sahli Fadel (Algérie), hamwe na Pablo de Greiff (Colombie)
IGIHE
Messages
2 Ntwarante 2016, 10:46, par KURI
AFRICA YEPFO IFISE AMAHINYU KUVYUBURUNDI SIMBONA INGENE BARUNGIKA ABO BANTU BAFISE AHO BEGAMIYE
2 Ntwarante 2016, 11:24, par ernest
Abo ntaco akarwi ka nkurunziza kazobemerera gushikako baje imbokoboko atabasirikare cane aba police bizaniye bokubarinda kuko haraho batazobemerera gushika ntibibagire kandi ko hasigaye hari nama kontineri nkurunziza nakarwikiwe kiwe bapfungiramwo abantu kuburyo nkomumapirizo azwi bazohava atanabo basangamwo Bose babimuriye mumakontire
2 Ntwarante 2016, 12:22, par Batwenga
Wewe Wandika Wizehehe? Butandukanya Ubusho-bw’inka buri Murukoko N’ubushô Bw’ipfungwa Buri I Bujumbura.
2 Ntwarante 2016, 17:05, par B.J-C:ARRIERE FILS DE SOCRATE
ABARUNDI TURARUSHE
2 Ntwarante 2016, 17:07, par B.J-C:ARRIERE FILS DE SOCRATE
ABARUNDI TURARUSHE
3 Ntwarante 2016, 00:37, par FELIX MUHIRE
MUZOKWIZA IBINYOMA GUSHIKA RYARI? IZO KONTINERI WAZIBONYE WENYENE? REKA ABATEGETSI BIKORERE AKAZI KABO IBINYOMA VYANYU BIHINYUKE. " Ishavu ry’imbwa urazi ko riherera mu kuzungagiza umurizo.
3 Ntwarante 2016, 14:38, par Nizerimana Ezechier
None Bazo Hinduriki?
4 Ntwarante 2016, 13:26, par kagamez
Hari umunyamahanga windorerezi mwari mwigeze kubona ahonyoza akaguru muburundi kuri buyoya,bagaza,michombero nabandi?? C’est parcequ’ils etaiens tutsi!! Birababaje iyo ukuye igufa riryoshe mukanwa kintozo kuko ica iguma ikuga!!
6 Ntwarante 2016, 12:02, par Jean
Jw Ndashim Kukigor AMakung Arik ARakora.ARik Abo Bahing Ntakinin Ndabizeyek.Kuk ABo Numv Barik Barah Umubonanan Nibo BaKor Amarorerw.Jw IVyombon Nuko Bogiririr Amatohoz Nkah Mur Prison Na Can Can Muma Quartier Yiyamirij 3ème mandant.arik rek turindir.