Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Abahinga bakoranye mu gutuza ebola - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Abahinga bakoranye mu gutuza ebola

Abahinga bakoranye mu gutuza ebola

mercredi 2 Mukakaro 2014

Indwara ya ebola ibandanya kubica bigacika mu bihugu vya Sierra Leone, Guinée na Liberia nk’uko ishirahamwe ryitaho amagara y’abantu kw’isi ribimenyesha.

Abahinga mu gisata c’amagara y’abantu n’abandi bavuzi karuhariwe bakaba bariko barakora ibishoboka vyose mu gupima bongera bavura abantu, ariko bikaba bitoroshe. Ico kiza c’indwara kigandagura abantu benshi ku mwanya muto, kikaba kigeze ku bantu bagera 467 bamaze kwitaba Imana, muri abo abashika 129 bitavye Imana mu kiringo c’indwi imwe gusa.

Ku murwa mukuru w’igihugu ca Ghana rero hakaba hategekanijwe inama kugira abahinga bicarane, barabe ico korwa mu maguru yavuba, kugira ico kiza gituzwe muri ivyo bihugu bitatu. Abanyagihugu imiriyoni bakaba bafise ubwoba bw’iyo ndwara mu bihugu bitandukanye, yaba ivyo bitatu hamwe n’ibindi bigera kuri 11 vyo muri Afrika bihana imbibe n’ibimaze gufatwa.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.