Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Abahinga batoye muri Tanzaniya Gaz yo mu bwoko bwa Helium - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Abahinga batoye muri Tanzaniya Gaz yo mu bwoko bwa Helium

Abahinga batoye muri Tanzaniya Gaz yo mu bwoko bwa Helium

mardi 28 Ruheshi 2016, par Egide NDUWIMANA

Abahinga bo mu gihugu c’Ubwongereza batoye gaz nyinshi yo mu bwoko bwa Helium muri Tanzaniya, aho akaba ari inyuma y’aho baheruka gutora gaz n’inzahabu.

BBC ivuga ko abakora ubushakashatsi bo mu makaminuza ya Oxford na Durham bafashanije n’abahinga muvy’ubutare bo ku gihugu ca Norvege, abo bose bakaba batoye ahari imiriyaridi 54 za metero kibe (metre cube), vy’iyo gaz, nk’uko vyamenyeshejwe n’abo bahinga.

Mu kiganiro n’abamenyeshamakru mu gihugu c’Ubuyapani, abo bahinga bavuze ko ibura ry’iyo gaz kw’isi, ryari ryateye ubwoba, na cane cane ku baganga bayikoresha mu mashini zizwi kw’izina rya " Scanners", uretse n’uko ari na nkenerwa mu bikorwa vya nucleaire hamwe no mu bundi buhinga.

Mu mwaka w’2010, hari uwaronse agashimwe kitiriwe Nobert yari yagabishije ko iyo gaz igiye guhera kw’isi.

Iryo bura ryari ryatumye abahinga basaba ko hoba amategeko yo kugabanya uko iyo gaz ikoreshwa mu bintu bidakenewe cane.

Chris Ballentine, umwe muri abo bahinga, akaba ari uwo kuri Kaminuza ya Oxford yagize ati : "Gaz twatoye muri Tanzaniya ishobora kwuzuza ibikono vya gaz imiriyoni imwe n’ibihumbi amajana abiri vy’imashini ya MRI"


IGIHE

Messages

  • Ndavishimiye Africa iratunze twirinze barushimushi basesankuyoze mumisirimbere dushobora kuzobadutanga imfashanyo mubihugu vyabazungu, ariko dukunze kwononerwa nitunyagihugu twomubihugu vyacu tucaduhendwa nabarushimushi basesankuyoze ngodutanguze akajagari noneho barusahurira mudiru arinabonise barushimushi bakacabishombera ubutunzibwose biciyemwayamirwi bashiraho yoguteza akajagari noneho bakatwiba bakatugoka ninahohatuma babonako abirabure mumitweyacu hagaragara kukobabibonera iyobatubwiye kuduha ibirwanisho vyokwica benewacu babona tuvyakiriye numunezero ntangere mumisibiri bakumva turatanguye kubisuka muri benewacu, bashikibacu, mubavueyi, mibabanyi, nomibagenzi bakisekera hanyuba bakinandaniriza gutora unutunzi bwomubihugu vyanyu.

    Ndashimye kurubwoburunzi bubonetse mugihugu ca Tanzania.

    Ariko sinoreka kubabwirako uburundi bwosebwobwo mwiyicariye kubitunzigusa turetse amatohozayakozwe avyerekana, umuntuwese yovyibwira kuko ntakuntu ubutuni bwobabwuzuye DRC ngobwongere bwizure TZD nguburundi bicebusigarahagati butarimwo uwomutungo kavukire murumvanyene kobidashonoka.
    Abarundi bamazekunimenya kobiriho ububaramaze kwiruka kwabarutuku ngobafashanye kubijagata! Ipu!

  • Afrique iratunze nuko gusa îtwagwa na banda ndende badakunda ibihugu vyabo bakunda imizeze yabo gusa

  • Kw’izina rya "IRM"=imagerie par raisonnance magnétique aho iyo Helium ifasha gukanyisha ivyuma bisous heures. Si muri scanner

  • Ikibazo n’uko ata bushakashatsi n’ubuhinga bwo kuyihingura dufise (technologie). Aho abo bongereza bayivumbuye baca basaba agahembo kangana ibice 80%. Tanzania nayo ice ironka 15%.

  • Aha! Tanzania nibe iritegura kuja mu ndyane za politike kuko abashaka iyo gaz baca batangura gukoresha bamwe mu banyepolitike (batagira n’abanywanyi) n’amashirahamwe yigenga mu guteza akajagari kugira ngo ya gaz bayimbure atawubakomanga. Akarorero ntikari kure: raba Congo canke aha iwacu i Burundi.

  • ntimukitiranye ibintu Tanzania ifite ubutegetsi bushikamye naho mwebwe murazira politic itahwitse kuvigihe mwaririmbiye ubutunzi bumaze kubageza kuki ?

  • Watanzania Mume Jariwa Namungu Kwakupa Ges Pamoja Na Dhahabu

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.