Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Agence Esther yakira abanyamideri bo muri Afrika : amafoto - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > Defile de mode > Agence Esther yakira abanyamideri bo muri Afrika : amafoto

Agence Esther yakira abanyamideri bo muri Afrika : amafoto

lundi 8 Kigarama 2014

Abahinga mu mideri bavuye mu bihugu bitandukanye vyo muri Afrika bahuriye mu Burundi mw’ihayanishwa ry’imico ndangagihugu yerekanwa n’inyambaro. Abatumire mvamakungu basanzwe bakora imideri mu mazu akomakomeye y’i buraya bari bitavye ibirori.

Davy Carmel aserukira "Agence Esther"

Kw’igenekerezo rya 05 Kigarama mu kibanza citiriwe "Garage Toyota" hakoraniye abanyamideri bavuye mu bihugu bitandukanye vyo muri Afrika, bitavye ibirori vyitiriwe "Burundi International Fashion Night". Ibihugu vyaserukiwe n’inkumi n’imisore ikora imideri ni :"Uburundi, Kenya, Uganda, Sudani y’Epfo, Cote d’Ivoire n’Urwanda. Muri iryo joro, igihugu cose muri ivyo vyaserukiwe carerekana akabirya k’inyambaro ndangakaranga k’igihugu, biciye ku bahungu n’abakobwa baca imbere y’abarorerezi batambuka birebanga bafashijwe n’abahinga mu nyambaro babaherekeje.

Ihiganwa ryatunganijwe n’urunani rw’abanyamideri b’Abarundi "Agence Esther" ryarashimishije abaryitavye. Bamwe bakabona ko Uburundi buriko butera intambwe cane mu gutegura imideri. Abanyarwanda bari aho barashimye integuro y’ivyo birori bakavuga ko bahakuye icigwa c’uko botegura umunsi nk’uwo uhuza akaranga ko kwambara k’ibihugu bitandukanye.

Davy Carmel INGABIRE ari mu bateguye uwo munsi w’imbonekarimwe asaba ko abarwizatunga boshigikira abanyamideri, mu gukoresha impuzu canke mu kubashorera ivyo bakora.

JPEG - 60.3 ko
Nella Ngingo, umunyamideri mpuzamakungu

Mwomenyako ibirori vya Burundi International Fashion Night" vyari vyatewe iteka n’umunyamideri Nella Ngingo, umurundikazi w’imyaka 23, karuhariwe muvy’imideri, aba mu Buholande. Uwo akorana n’amashirahamwe akomeye cane mu Buholande, mu Bwongereza n’i Paris mu Bufaransa, ayo ni nka Vogue, Oreal na ELLE.

Amafoto yerekana uko ibirori vyagenze :


Cherif Nkeshimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.