Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Abahora badadandariza mw’isoko nkuru ya Bujumbura ntibigeze bahozwa - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Abahora badadandariza mw’isoko nkuru ya Bujumbura ntibigeze bahozwa

Abahora badadandariza mw’isoko nkuru ya Bujumbura ntibigeze bahozwa

lundi 27 Nzero 2014

Igenekerezo rya 27 Nzero ni ntibagiranwa ku badadandaza baburiye ivyabo mw’isoko nkuru ya Bujumbura. Abo badandaza bakavuga ko umwaka urangiye ata muntu numwe yigeze abagarukirako, ahubwo ko imfashanyo zari zibagenewe zitigeze zibashikira.

Muri sendika Sygeco (Syndicat Général des Commerçants) bavuga ko bagiye kurondera uburyo bwo kwungunganya abadandaza bonyene ubwabo, kuko Reta yo ataco yabamariye kugera kino gihe.
Haraheze umwaka wose isoko nkuru ya Bujumbura ihiye igatokombera. Kuri uno munsi wa mbere igenekerezo rya 27 Nzero 2014, abadadandaza bahoze bakorera muri iryo soko bakaba bahuriye hamwe ahitwa kw’IRARO mu rukurikirane rw’inganda bamazemwo iminsi kugira barabire hamwe ukungene umudandaza muri kino gihe amerewe, bongere barabe inyishu botora ku bibazo bafise muri rusangi, kuko Reta yo isa n’iyabibagiye .
Inama igitangura babanje gufata akanya ko kwibuka umunsi ibintu vyabo vyahira mw’isoko. Bahejeje niho baraba ireresi yerekana uwo munsi, aho mbere wabona ko amosozi yariko arakoroka bibutse ivyababayeko uwo munsi. Abo badandaza akababaro akaba ari kenshi kuko bavuga ko muribo hari abahukanye, abana bataye amashure, abapfunzwe, n’izindi ngaruka zitandukanye zavuye kw’isha ry’isoko nkuru ya Bujumbura.

JPEG - 94.3 ko
Audace Bizabishaka, arongoye SYGECO

Nk’uko bivugwa na Audace bizabishaka, umukuru wa sendika SYGECO bariko barondera ubundi buryo bokwikenura, kugira abadandaza bifatafate bo nyene. Mu nyishu rero batoye bakaba bashinze ikigega co gufashanya arico "caisse de solidarité mutuelle." Ku bijanye n’ico kigega rero, umudandaza azoba yiyandikishije muri SYGECO azotanga amafaranga 20000 ku kwezi. Ico kigega nico ndetse n’abafasha bazoshobora gucako kugira imfashanyo ntizisubire kugenda amazimayongo nk’iza mbere zagiye zicishwa muma mashirahamwe yo kuguranana, mbere amwe amwe atari azwi nk’uko bivugwa nabo muri sendika SYGECO, aho atanga akarorero k’ishirahamwe "Uburundi bwacu." Muri sendika SYGECO bavuga rero ko bagiye kurondera icegeranyo c’amashirahamwe yose yoba yararonse imfashanyo, ariko ntiyafasha abo badandaza. Sendika SYGECO yiyemeje kuzoshengeza mu butungane ayo mashirahamwe.

Abo badandaza baburiye ivyabo mw’isoko basaba ko isoko mfatakibanza yo kuri COTEBU ko yoduzwa hejuru kurusha kuko biboneka ko ari ngufi cane, ubushuhe rero bukaba buzobangamira aboja gukorera muri iyo soko. Basaba kandi ko hohabwa ibibanza abahora badandariza mw’isoko nkuru ya Bujumbura gusa, kandi sendika SYGECO igahabwa ijambo mu gihe hazoba hageze gutanga ivyo bibanza.
Imfashanyo nayo yatanzwe n’ishirahamwe FOCODE, igera ku miriyoni 5, abo muri sendika SYGECO bamenyesha ko bazokwongerako izindi miriyoni 5, baheze bace bazigaburira abadandaza bababaye gusumvya abandi, umwe wese akazoronka ibihumbi amajana atanu. Umunsi w’ugutanga ayo mafaranga ukazoba ari iyugururwa icese ry’ico kigega co gufashanya.

Tubamenyeshe ko igihe iyo nama yari imaze akanya gato itanguye, igiporisi caciye kihashika kije kubuza iyo nama, ariko mu nyuma bahavuye bumvikana babaha iminota mirongo itatu itarenga ko boba bahejeje. Icabonetse rero n’uko n’aho baganira, imitima itari mu nda, kuko babona ko umwanya uwari wose igiporisi gishobora kubashwiragiza.


Floxella Karire

Messages

  • Vyaratubabaje mbese nanubu bikitubabaje kwisharyisoko rikuru rya Bujumbura, ariko nkongerankababazwa nabamwe binyegeza inyuma yamashirahamwe mugushaka kwerekanako igihugu nabakirongoye kititaye kubarwizatunga baco ahorerosimvuzeko bacabashaka kwerekanako reta ariyoyituririyeko! Ndababwire ukwosikwogufasha kwubaka igihugu ’ahubwo mubamutifuza kocoterimbere! ibintuvyose mwiyumvira vyogushavuza abinegihugu nivyomushirimbere, None nkogufata abobadandaza mukabereka ukuntubahekuwe mubicishije kuma reresi mwabona aribintu bituma bagiramahoro mumutima!? mbese mugukomesha mwayantumbero yokwankisha abenegihugu ababarongoye ngo dushimiye cane igihugu cu Rwanda carungitse indege yokuzimya, yemama ngoreta nyiyahojeje ababuriye mwiryasoko, ivyobigasigura kwankisha reta ababuriye mwiryasoko vyasebikunze.

  • @Mama, iki gitekerezo cyawe giteye agahinda gakomeye. yoooo nimba uri umuvugizi w’umugambwe CNDD umenyeko igihe kizagera mukishura ibi muriko murakorera igihugu. kuvuga ibintu uko bimeze ntibisigura ko ari UKWANKISHA abanyagihugu reta yabo. There are so many evidences about this issue. Wait and see. All those who participated in such evil act, will be taken to justice at real time. Mwararituriye icese, n’uruyoya rwobisobanura neza. I vehemently deny what you said and that so called government’s statement.

  • Karikurubu, Iyomvugoyawe yogutarimisi abandi ngonuko mudahuje ntacobimaze, ivyomukirundi tuvyita iterabwoba. murizamirongo igenda nikowamye ubwira UPRONA ngobamenyeko igihe kizoshika mukishura ivyomuriko murakorera igihugu nonenunomusi mumyakaya 2014 uracanaga uvugango CNDD ngomumenye ko igihe kizogera mukishura ivyomwagiriye igihugu, nukwoniwikomereze kwanaga nuburengazira bwawe, jewenaje nambubonamvugira DD biramaze kandindabifitiye uburenganzira 100% sinzikubizi jewe nitwa Mama nkagira nizina ryiritazirano ryitwa Njanabaje, mugihecaheze javugira UPRONA munyumandahindura mvugira FRODEBU, ubungeze kuri DD ejonzovugira uyundintaramenya ivyovyose nabikoze kubushakebwanje ntagahato. Wavuzevyishi bitagira meaning, wavuzengo’ wait and see, icowomenya nuwo yabawewe cankejewe nabandibose mugihetukihari hariho ivyotubatuzobona that why nothing new to said, we know about yesterday, today and stay waiting to see tomorrow (future)

  • @Mama naho wonkubita ubuhiri sinokwemera ideology yanyu ya divide and rule, so i wanna let u know this, Burundi is governed very bad in whole of the world because the so called government is full of many ignorant who don’t know WHAT IS LEADERSHIP, GOOD GOVERNANCE and DIPLOMACY. Burundi is gonna be like SOMALIA in few days. I’m sorry to tell this. But it is true. May God help this country.

  • None Abaturiye Isoko Ntarubaza Babaciriye

  • None Abaturiye Isoko Ntarubaza Babaciriye

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.