IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Abahoze ku rugamba batatumiwe mu nama y’umuhuza basaba insiguro

Abahoze ku rugamba batatumiwe mu nama y’umuhuza basaba insiguro

jeudi 19 Ruheshi 2014

Bamwe mu bahoze ku rugamba n’abasubijwe mu buzima busanzwe, yaba abahora barwanya Reta canke abakorana nayo batatumiwe mu nama y’umuhuza w’abarundi barashavujwe n’iryo kumirwa. Mu biro vy’umuhuza basigura ko batumiye abaserukira abandi gusa.

Inyuma yaho ibiro vy’umuhuza w’abarundi bisohoreye itangazo rivuga ko abahoze ku rugamba n’abasubijwe mu buzima busanzwe batumweko mu nama y’umuhuza w’abarundi yabereye i Bujumbura, abari mu mihingo y’igihugu c’Uburundi baciye basidukana niyonka mu kwitaba akamo.
Ariko rero, iryo tangazo ntiryatahuwe na bose co kimwe mu gihe ibiro vy’umuhuza w’abarundi bivuga ko vyari vyatumiye abaserukira abandi gusa bari mu mashirahamwe agera kuri 15.

Iyo nama y’abahoze ku rugamba n’abasubijwe mu buzima busanzwe yatanguye ku munsi wa kabiri wa 17 Ruheshi, yari yitabwemwo n’abagera ku 200, mu gihe mu Burundi bwose haharurwa abagera ku bihumbi 50. Abo bahoze ku rugamba batumiwe, akaba ari abahoze mu gisoda ca Reta y’Uburundi hamwe n’abahoze mw’ishamba bahurikiye mu mashirahamwe atandukanye yo hirya no hino mu gihugu.

Mu gihe iyo nama yariko ibera mu nyubakwa ya Source du Nil, bamwe mu batemerewe kwinjira muri iyo nama, baciye bagandagaza imbere y’irembo rya source du Nil, bavuga ko batahava batemerewe nabo kwinjira.
Bakavuga kandi yuko bababajwe no kubona bataronkejwe ubutumire nk’abandi, kandi nabo bari mu bahoze ku rugamba. Muri abo batashoboye kwinjira mu nama, hakaba harimwo abahoze bari mu mugambwe wa FNL watwarwa na Agaton Rwasa n’iyindi migambwe.

Sadoscar Kimana yaserukiye abo batashoboye kwinjira, akaba asanzwe ari no mw’ishirahamwe ry’abasubijwe mu buzima busanzwe ryitwa Turame, avuga ko atari amashirahamwe yose yahawe ubutumire bw’iyo nama. Akabona ko hoba harabaye ikumirwa mu gutumira. Bagasaba umuhuza w’abarundi kubasigurira ivyoba vyishimikijwe mu gutanga ubutumire.

Ku ruhande rw’ibiro vy’umuhuza w’abarundi, Didace Nsunzu ajejwe kumenyesha amakuru muri ivyo biro avuga ko batari gushobora kuronka ikibanza gikwira abahoze ku rugamba bose, ari naco gituma hatowe abaserukira abandi bari mu mashirahamwe.

Mwomenya ko abo batemerewe kwinjira, bari baje bavuye mu ntara zo hagati mu gihugu baje bibangikanije n’ibibaranga, arivyo makarata yerekana amashirahamwe y’abahoze ku rugamba baje bavamwo, mbere n’abakenyezi bakaba batari basigaye inyuma.


Mariella Bukuru

Messages

  • Ayo ni amahendancuti,none botumira abaserukira abandi bari mumashirahamwe,uwo we ko atatumiwe!?Ikizwi co n’uko abademobilize bo mu Burundi ba classwa (classer) hisunzwe imirwi bakomotsemwo.Ubu iyo bavuze umudemobilize,muyandi majambo ni uwo wese yasubijwe mubuzima busanzwe avuye muri cndd-fdd et c’est tout!Ngo umuhuza!Wa bande?Wa Barundi canke uwa cndd-fdd!?Kw’isi nzima umuntu amaze kuba umuhuza ntaba akigira ishusho y’umugambwe canke ubwoko!Ariko kuri Rukara siko biri.

  • Yemwe yemwe jewe murantangaza.ico mutumva nigiki?abatumirwa barazwi no mu kayanza mwarababonye kiretse uwukorana nabo.muzombwira ico bizovyara

  • Emwe muratwengeje kweli. None abo bahoze ku rugamba hari igicapo kibanditseko? Canke hoba hari uwumvise uwo mutumiro maze akagenda bakamusohora? Canke abafise amakenga yoba afatiye kuki? Nimuze tureke kuza tushuhisha imitwe ka bintu bitagira ifatiro.None abatumiwe bagiye uretse ivyo baganiriye hari izindi nyungu z’abahoze kurugamba bwite baronse abandi batahawe. Ngaho muragaba kuko ndabona mutanguye kuhanyereza kweli kandi hari hatanguye kwumuka.

  • NTA MUHUZA NI RUKARA NYENE KUKI ATAGIRA CRTERES D INVITATION NI IVYA BA DD GUSA AREKE GUHENDA AMAKUNGU ARAHENDA ABIWE NYENE NAYO UBWOYA BWERA NTASHOBORA KUDUHENDA!!!!

  • None ntimuze ko ivyo aba DD bose bakora ari ivy’abanywanyi babo gusa?
    Mwari mwizeye iki kuri RUKARA.
    Akora ico ba ba généraux bagisibije bamubwiye yanse naho barazi ingene bamuhana, mwaravyibagiye aho yabogoza bugaca akabisokora nk’umu "PUANT" ku baciye kuri Kaminuza.
    ja hamwe mwese murondere ingene DD iva ku butegetsi nayo ibindi vyose ni ubusa.
    ntawuribwa n’isato ngon yitware ku mamba!

  • IVYO BIZOZA AVUGA NI UKURI KUZIMA ,,RUKARA YARAHIYE IMBERE YA ZA MEDIA NGO BUCA AVUGA ABAMUGERAMIYE ,,MUVYIBUKE !!!!!,,NTIBWAKEYE KABIRI YABAYE RUKARA NYENE ABA IMBUNUZA UMUGANII WA MINANI FROBEDU NYAKURI ...MWESE MUZE DUSEZERE DD IZINGAMITSE ABAHUTU NGO NIYO IFISE IGISODA UBU NICO BABESHA ABANTU MU KIRUNDO NA ZA MUYINGA NA KARUSI AHO BABATORA 100% ,,YOOO MWESE HAGURUKA MUKINYEGERO KUKO IRATEMA IGATONGORA ABO MWAGIRISHIJE INAMA ,,EREGA NI AKARANDA ...NTAWUGURA ICUPA MU MA KOMINE YA KIRUNDO ATARI UMUDD BARAGUCIRA UMUKENKE !!!!!!NI AKARANDA DD MU MA KOMINES...

  • ncutizanje murwanda baribagerapeje none urukino rwarahindutse ntibadukange bakeneye kuturagirira inka gusa naho bazimaze

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.