IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Abahungiye mu Rwanda bashizwe mu mirwi itatu

Abahungiye mu Rwanda bashizwe mu mirwi itatu

vendredi 10 Ndamukiza 2015

Abahunze igihugu kubera iterabwoba, bashirwa mu mirwi itatu, nk’uko bivugwa n’umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu, Edouard Nduwimana.

Umushikiranganji rero yaheruka kuja guhungura abahungiye mu gihugu c’Urwanda baramwankira, kuko bamushikirije amakenga y’icatumye bahunga ko ari Imboneraklure za CNDD FDD zibatera ubwoba, zibabwira ko zizopingura ibipinga vyose. Edouard Nduwimana rero, amenyesha ko muri abo banyagihugu bahunze ko benshi barwiriyemwo abari mu bwoko bw’abatwa bahunga ikigoyi, abo nabo akavuga ko baronka utwo bafungura bigoranye, ubu bakaba baronka utwo bafungura bicaye. Umurwi wa kabiri nk’uko uwo mushikiranganji abivuga, n’abafise amadosiye mu butungane, abo nabo bamwe batinya gukubitwa intahe mu gahanga, aho usanga bamwe bafise imanza z’amatongo, izo mu kibano n’izindi, nayo umurwi ugira gatatu Edouard Nduwimana avuga ko ari abahunga kubera zimwe mu mvo za poritike, abatiyandikishije kugira baze batore, abitwaza icibwamwo amashami ry’imigambwe hamwe n’abavuga kw’ipfungwa n’ipfungurwa rya Bob Rugurika, umuyobozi wa RPA.

Umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu rero akaba aje akurikira umuvugizi wa Reta y’Uburundi Philippe Nzobonariba, aho yari yamenyesheje ko abahunze, bagiye kubera amajambo y’ibihuha bumva, ivyo navyo akavuga ko vyahamye mu bihe vy’amatora. Avuga ko hari n’itrerwa ry’udushinge ryigeze gukwiragizwa, abakura amenyo, ba rukoti na Kiliba Ondes n’abandi. Ariko rero, naho biri uko, abahunga bo, bagiriza Imbonerakure ko ziriko zigishwa ibirwanisho vyo kuzica abatavuga rumwe na CNDD FDD.


Aristide Nizigire

Messages

  • ubutegetsi ni bubi ububu bwaguhenze gushikaho wibagirwa ko amategeko y isi avuga ko kwiyandikisha ari kubushake canke uwutatoye hari service azoba privé detrompe toi ubuho mwaduhaye iki amaraso ya benewacu. tweho mama baratwakira mweho(systeme dd) muzoja he ??????????????????????????????????!!!!!!!!!!!!!!!!

  • AHUBWO HALIBIDI BAHUNZE .NAYIMBONELAKULE BALAZIBESHELA.UWUBUZICAKOLAWESE.AVUGUKO

  • AHUBWO HALIBIDI BAHUNZE .NAYIMBONELAKULE BALAZIBESHELA.UWUBUZICAKOLAWESE.AVUGUKO

  • Nduwimana ndakwifurije Agakiza kugirango utazobazwa n’Imana iki wakoreye Abarundi

  • Harabantu batagira umutima kabisa mbe Edward yoba afise umutima canke afise ibuye ahogiye umutima ayomajambo avuga niyo azomukorako niyo ivyobahunga vyaba azomera nkaba faransa mwihonyabwoko murwanda mwibazako ubuzima bwikiremwa muntu arikirimbiro . Habanamba . Hari ikintu kiruta iyomigambi mibi yanyu kizobanyuza . Vuba hama muzovuge ko mutabimenye barya banyagihugu bahunze nibo bari kukibuga wewe wibereye mwigorofa ushigikira ivyo utazi uragaba . Mukirundi ngo ( ruriye abandi rutakwibagiye ) .

  • Kazima Edouard abivuze ku mugaragaro. Abamenyeshamakuru mubibike neza kuko biri mu vyo azobazwa nihagera co kimwe na bimwe vy´isoko nkuru ya Bujumbura yavuga ko yoba ari Imana yashatse ko risha muze mubibike.

  • Kazima Edouard abivuze ku mugaragaro. Abamenyeshamakuru mubibike neza kuko biri mu vyo azobazwa nihagera co kimwe na bimwe vy´isoko nkuru ya Bujumbura yavuga ko yoba ari Imana yashatse ko risha muze mubibike.

  • Umushikiranganji nyenicubahiro Edaurd Nduwimana, aharanira agateka kigihugu ciwe (cacu) akongera akanegura abashaka kucambika ibara ritariryaco,simwebwe murazwinshinga nuko nogushaka kucambika ibara ritariryaco, muvyemere ntimuvyemere twaramaze kubahinyura umushikiranganji wintwaro yohagati mugihugu cacu rero mumukureko indegerezi.

  • Ntimukabeshye abantu kuko twese tuzi abo turi bo. Ntamuntu ushimishwa no kwitwa impunzi kuko aba atigenga uko abishaka iyo ubona ubangamiwe urahunga kuko ntushobora guhunga rwakugezeho.murashaka ko bazahunga ari abapfu? Birashoboka kontakizaba ariko bishobora guhagarikwa n’abamaze guhunga kubera gutinya amaso y’ibihugu by’amahanga kuko izi mpunzi zagaragaje ikibazo kiri mugihugu. Abo bakurikiranwa n’ubutungane ntekereza ko hari amasezerano yo guherekanya abanyabyaha muzabavuge tubaboherereze. Ni nde wahunga urubanza rw’amatongo atayajyanye ubwo ntiyaba ayasigiye uwo bayaburana? Keretse yarayahunganye. Ibijyanye na kigoyi ko tuzi twese ko umubyeyi ariwe wita kubana be, ni iki mwakoze nka leta ngo mugoboke abaturage banyu bareke kwicwa na kigoyi? mwabatabarije bakabagobokera mu gihugu ko muzi ikibazo gihari ? Yewe murekere aho kuko muzisanga mwiyobora ni mutagira icyo mukora.

  • None se mbaze ubund nigte umuturage yahunga kubra atibaruje mumatora?ese gutora ntabwo aruburenganzira bwaburi muturage?byumvikana ko uwo muministiri asa naho arko aragaragaza akabi ke nabo basangiy mugutwara.Mbe nigute abaturage babura ibyo bafungura bagahitamo guhunga igihugu bafite ababayobora?Ibyo bigambo akoreshyejye numva aramafuti ntabwo bisobanutse.

  • Sha abarundi turoroshe guhenda abo banyakirundo bagiye murwanda ngo barahunze? Reka sha bigiriye mumiryango yabo kuko bamuka mu rwanda kugira bambikurubwa igihugu cacu,none twebwe kwariho turi twabayiki?

  • Kuberiki,abarunditutavugisha,,ukuri?Ehentiduce Imanzazibiboneka,arikomucimanzaz’ukuri.

  • Kuberiki,abarunditutavugisha,,ukuri?Ehentiduce Imanzazibiboneka,arikomucimanzaz’ukuri.

  • Ibaze umushikirangaji yubahuka kuvuga mukindi gihungu ngo abantu bahunze inzara, none yoba ari anzara yoyo suko batigeze bitwararika abanyagihugu amahera yose y’infashanyo bashira mu mifuko yabo, ahubwo ntanisoni bakigira ntibaba bubahuka no kuja mu Rwanda kuvuga,hoho hari umuyaga nkuba, hari amazi, hari amashule, hari ibitaro.
    Shame on you Mister

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.