Accueil > Amakuru > Abahutu bihinduye abatutsi kugira binjire mu gisirikare
Abahutu bihinduye abatutsi kugira binjire mu gisirikare
samedi 26 Nzero 2013
Mu ntara ya Cibitoke abahutu bamwe bamwe barahinduye ubwoko bwabo biyita abatutsi kugira baronke amahirwe y’ukwinjira mu bisongerezi vy’intwazangabo mu gisirikare abo bita aba « sous officiers ». Abo bihinduye hageze gukora ibibazo.
Mu bisanzwe, abatutsi bategerezwa kwinjira bagera kuri 10 abahutu nabo 10 nyene . Ariko hageze ibibazo hari abahutu 6 baciye bihindura abatutsi gutyo baca binjira ari abahutu 16, abatutsi nabo hinjira abatarenga 4 kandi bategerezwa kuba 10. Babajijwe igituma bihinduye ubwoko bamenyesheje ko ba se bitavye Imana hanyuma abavyeyi basigaranye baca bababwira ko ba se bari abatutsi.
Mugabo ivyo birabeshuzwa n’abagenzi babo b’ababatutsi bemeza ko bazi neza ubwoko bw’abo bariko barahiganwa mu kibazo c’ukwinjira mu bisongerezi vy’intwazanagbo mu gisirikare c’u Burundi .
Buramatari w’intara ya Cibitoke asaba uwo wese yumva ko yarenganijwe kumwitura ariko yongerako ati : « Uwuzotorera umuti iki kibazo n’ubushikiranganji bw’ukwivuna abansi n’ukwitaho abahoze ku rugamba .»
Si irya mbere abantu bihindura ubwoko mu gihugu c’u Burundi kubera inyungu zabo. Hari abatutsi biyita abahutu kugira baronswe ibiti mu ntwaro canke mu mashirahamwe yaba aya Reta canke mpuzamakungu, eka n’abahutu n’iko kuko ,ubu mbere hari n’abiyita abatwa kuko ari bake rwose kandi bafise abize bake cane muribo bigatuma uwiyise umutwa yarize agira amahirwe y’ukuronka akazi canke igiti mu nzego zitandukanye za Reta.
Eloge Willy Kaneza
Messages
29 Nzero 2013, 15:26, par kavakure
mu burundi ibintu byaho birasekeje. none se umuntu aba umusirikare barebye ubwoko bwe? none se iyo urasa hari ubwo urusasu rusohoka ruvuga ngo ndungitswe n umututsi cyangwa se umuhutu? ikindi iyo barwanira igihugu hari bataillon y abatutsi niya bahutu? yewe burundi uragowe, imana yonyene niyo izakugarukira. abandi bari muri development, technology na globalisation naho abarundi bari mumazuru maremare na magufi. mbese ko ayo mazuru avamo ibimyira gusa ikindi kivamo niki? niyo mpamvu uburundi buri mubihugu 3 bya mbere ku isi bikenye.
4 Ndamukiza 2016, 15:12, par Gasupar
Nimuhebe Mugezah Mwosiguriraneza Ingene Bameny Umuhutu Canke Umututsi Nirihe Zur Umurundi Afise Ritari Mur Kenya ,uganda ,nayirobi ,ethiopie Tanzani Nahandi , Kong Nahand ? Ntabindi Dupfa Atarivyisi Kandi Mumenyek Twabisanze Tuzobisig Umuntu Wes Ahurumbira Ivyis Nikijuju .