IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Abahuye n’imvura i Nyaruhongoke na Kajejete basaba gufashwa

Abahuye n’imvura i Nyaruhongoke na Kajejete basaba gufashwa

mardi 31 Ntwarante 2015

Abantu icumi nibo bamaze kumenyekana ko bahitanywe n’imvura ivanze umuyaga mwinshi, 14 ntawuzi irengero ryabo, nayo amazu 600 akaba yarabomotse kubera imvura yaguye mu makomine ya Muhuta na Bugarama, intara za Bujumbura na Rumonge.

Iyo mvura ikaba yahitanye ibintu n’abantu, aho n’ibarabara rya Bujumbura Rumonge guhita ari ingorane muri iki gihe. Imiduga, abasirikare n’abaporisi bakaba bariko barakora ibishoboka vyose kugira iryo barabara riziburwe. Abanyagihugu bahuye n’iyo mvura, bakavuga ko bataye barahunga; igihe iyo mvura yariko iragwa, bakabona amabuye akoroka nk’imvura ava mu misozi ihanamiye ibarabara rya Bujumbura-Rumonge. Kugeza ubu, abo banyagihugu akaba ataco bafise, mu gihe n’amazu yabo yasenyuwe n’iyo mvura; tutibagiye amashure 14, ishengero Eglise Méthodiste n’ibindi.

Umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza ari kumwe na bamwe mu bashikiranganji akaba yishikiye aho habereye iryo bara kuri uyu wa 30 Ntwarante. Mw’ijambo ryiwe, umukuru w’igihugu akaba yasavye inzego zibijejwe kugira urutonde rw’ivyahononokariye aho mu Kajejeti ku misozi ya Mubone, Rutunga na Nyaruhongoka, kugira bashobore gufashwa.


Aristide Nizigire

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.