Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Abajejwe intwaro basabwa guhimiriza abo barongoye kugira bijukire kubitsa (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubutunzi > Iterambere > Abajejwe intwaro basabwa guhimiriza abo barongoye kugira bijukire kubitsa (...)

Abajejwe intwaro basabwa guhimiriza abo barongoye kugira bijukire kubitsa amafaranga

lundi 23 Kigarama 2013

Mu gufasha mu mugambi w’igihugu wo kuronsa ikomine yose ibiro vya posita, ikomine 3 zo mu gisagara ca Bujumbura Buterere, Gihosha na Kanyosha zararonkejwe ibiro vya posita. Ama komine asigaye atararonka akaba ari Bwiza, Nyakabiga hamwe na Cibitoke. Nayo ahandi ho izindi komine zo mu gihugu hagati zirafise ibiro vya posita.

Ibiro bikuru vya posita (Regie nationale des postes ), vyaratunganjie, ibirori vyo kwugurura ibiro vy’amaposita 3 mu gisagara ca Bujumbura, Buterere, Gihosha na kanyosha. Mu buterere, ibirori vyari vyatewe iteka n’umushikiranganji w’ubudandaji, amahinguriro, amaposita n’ingenzi Victoire Ndikumana.

Mw’ijambo ryo kugurura ivyo birori yasavye abanyagihugu bo muri ako gace k’igisagara ca Bujumbura kubungabunga izo nyubakwa.Yabasavye kandi kwijukira kwuguruza amakonti. Avuga kandi ko abajejwe intwaro bakwiye kugira ihimiriza rikwiye kugira abanyagihugu batahure akamaro k’ama posita.Iryo himiriza kandi rizotuma amabiro y’amaposita akora ashimisha bose.Ku bwiwe ,kuziganya ku banyagihugu bituma bikingira ubusuma bw’ijoro.

Umuyobozi mukuru w’ubuyobozi bukuru bw’amaposita, Salvator Nizigiyimana, yamenyesheje ko ivyo biro bije gushira mu ngiro umugambi wa Reta aho ikomine yose itegerezwa kugira n’iburiburi ibiro bimwe muri komine. Mbere avuga ko mu makomine yose yo hagati mu gihugu ko afise ibiro vya posita.’’Uno munsi, hasigaye amakomine Bwiza, Nyakabiga hamwe na Cibitoke ariko nazo nyene ziri mu kuyaronka vuba’’.

Kugira komine ya Buterere ibe yatowe kugira ironswe nayo ibiro vya posita n’uko ata nyubakwa n’imwe yo kubitsa no kuguranana bari bafise muri iyo komine. Ku bwiwe, abakozi ba Reta abenshi barafise amakonti mu bindi biro vya posita, ariko kugira baje gutora canke kubitsa muri ayo ma posita bikabafata urugendo, yaciye aboneraho akaryo ko gusaba abakozi ba posita kwama bari hafi y’abanyagihugu bakabumviriza.


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.