Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Abakaridinari bashasha bagiye gushirwaho na Papa Fransisiko - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ukwemera > Abakristo > Abakaridinari bashasha bagiye gushirwaho na Papa Fransisiko

Abakaridinari bashasha bagiye gushirwaho na Papa Fransisiko

lundi 13 Nzero 2014

Umwungere wa Ekereziya Gatorika, Papa Fransisiko yamenyesheje ko agiye gushiraho abakaridinari bashasha mu kwezi kuza kwa Ruhuhuma.

Abakaridinari basanzwe aribo bari hejuru mu buyobozi bwa Ekereziya Gatorika.
Nk’uko tubikesha BBC, muri abo bakaridinari bagiye gushirwaho, 19 muribo bazoba barimwo abo mu bihugu bikiri mu nzira y’amajambere nka Haiti, Cote d’ivoire na Burkina Faso, ivyo bikaba vyerekana intumbero yo kuba hafi y’abakene Papa Fransisiko yihaye.

Aba bakaridinari bagiye gushirwaho nibo ba mbere Papa Fransisiko azoba ashizeho kuva aho abereye Papa mu kwezi kwa gatatu kw’umwaka twaraye turangije.

Twobamenyesha ko muri abo bakaridinari, uretse batatu muribo bafise imyaka irenga 80, abandi bazoba bashobora gutora uwuzosubirira Papa Fransisiko umwanya niwagera.


Egide Nduwimana

Messages

  • Yego papa mwungere mwiza ja uraba biriya bihugu bikenuye uze ubyiyegereza muje mubahako buriya iwabo bokira mwungere mwiza nda kwemera pe.urakerebutse rwose.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.