IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubutungane > Abakenguzamateka 14 bituye sentare yubahiriza ibwirizwa nshingiro

Abakenguzamateka 14 bituye sentare yubahiriza ibwirizwa nshingiro

mardi 28 Ndamukiza 2015

Abakenguzamateka 14 bo mu mugambwe CNDD FDD bituye sentare yubahiriza ibwirizwa nshingiro, kugira itange umuco ku bijanye n’ukwitoza ubugira gatatu kwa Petero Nkurunziza.

Abakenguzamateka bateye umukono kuri urwo rwandiko bakaba ari abazwi ko bashigikiye ikiringo ca gatatu ca Petero Nkurunziza. Muri abo, uwuza kw’isonga ni Reveriyano Ndikuriyo asaznwe arongoye ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi, yatowe mu ntara ya Makamba, hagakurikira Veronique Nizigama w’i Bururi, Emmanuel Ndemeye, Jeremie Kekenwa, Victoire Nahimana, Gelase Daniel Ndabirabe umuvugizi w’umugambwe CNDD FDD, Gloriose Hakizimana, Philippe Bizimana, Hawa Habarugira, Daphrose Nyandwi, Chrisologue Rugagamiza, Jeniffer Kankindi, Innocent Nkurunziza na Petronie Barwire.

Tukabamenyesha ko abashobora kwitura iyo sentare ari abashingamateka, abo nabo hakaba hasabwa ibice ibice 25 kw’ijana, inama nkenguzamateka ibice nk’ivyo nyene, canke urwego rw’umuhuza w’abarundi.


Aristide Nizigire

Messages

  • Qu’ils arrêtent ces comédies. Pita doivent partir. Ils n’ont qu’àtrouver un autre candidat. Ils en ont plein qui sont peut être plus capable que Nkurumbi.

  • nibareke amanyanga.mbe aboko aribo bamushigikiye boyandikira gute? Ko na dossier yiwe itarashika muri ceni.Bagomba ivyemeze ibizigizigi bihere? Ivyemeje ntibizokura abarundi mwibarabara. Ahubwo uwuyirongoye nimba akaunda uburundi;nashire aho intahe ishize,arengere inyungu mbi nubwoba,ahandiho umuriro uraka,kandi ababifisemwo bose inyungu bazobibazwa

  • NTANTAMBARA IZOSUBIRA KUBA AHA MU BURUNDI. IYO MYIYEREKANO NI BASOME AMATEGEKO HANYUMA BATAHURE. NIBAREKE KWISAMBURIRAKO NK’IMPENE. EWE MUTAMA PACIFIQUE,KO BASOKURU BAVUGA KO IZINA ARIRYO MUNTU, RABA MURI KAZINDUZI ICO IRYO ZINA RYAWE RISIGURA. IVYONTAKUBWIYE UMUTIMA WAWE URABIKUBWIRA . IMANA IGUHEZAGIRE CANE

  • Abo biyumvira nk’ibijuju.mbe cndd fdd hakomeye umugabo umwe? murashimire free masoni.mbere uhoraho agiye kurandura abaremesha ibikorane atarivyo

  • abakeneye kwibintubihinduka nibaganire hanyuma amamatora abe kuko nico twumvikanye tureke kwiha amenyo y abatwenzi

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.