Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Abakenguzamateka bemeje integuro y’itegeko rishiraho intara ya (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Abakenguzamateka bemeje integuro y’itegeko rishiraho intara ya (...)

Abakenguzamateka bemeje integuro y’itegeko rishiraho intara ya Rumonge

mardi 3 Ntwarante 2015, par Egide N

Abakenguzamateka bemeje integuro y’itegeko rishiraho intara ya Rumonge, Edouard NDUWIMANA, umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu, ari nawe yari yagiye gusigurira abakenguzamateka ibijanye n’iyo nteguro, akaba yemeje ko amafaranga iyo ntara izkoresha yamaze gutegekanywa.

Mu gatondo kuri uwu wa kabiri, abakenguzamteka bemeje integuro y’itegeko rishiraho intara ya Rumonge. Nk’uko vyashikirijwe na Edouard Nduwimana umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu, imyiteguro y’ugushiraho iyo ntara ya Rumonge igeze kure, n’amafaranga iyo ntara izokoresha akaba yamaze gutegekanywa mu mafaranga Reta y’Uburundi izokoresha muri uwu mwaka w’2015.

JPEG - 30.8 ko
Edouard Nduwimana, umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu

Iyo ntara izoba igizwe n’amakomine atanu ariyo Rumonge, Burambi, Buyengero yahora mu ntara ya Bururi, hamwe na Muhuta, Bugarama zahora mu ntara ya Bujumbura rural.

Mu bijanye n’uguserukirwa kw’abanyagihugu bo mu ntara ya Rumonge, abashingamateka bagera kuri 14 bahora baserukira intara za Bururi na Bujumbura rural bagiye kugabanganwa n’izo ntara zitatu hagiyemwo Rumonge. Bururi ikazotakaza abashingamateka batatu, abakenguzamateka nabo baserukira intara ya Rumonge akazoba ari babiri.


Egide Nduwimana

Messages

  • Iyo hageze ibikorwa vyigaragazamwo udufaranaga bakeneye kurya barabinyarutse binyegeza mubarundi bashaka kwerekana ko bakunda abarundi ntiwumva izo mvugo ngo namafaranga yicogikorwa Reta yarayategekanije sha ivyanyu birahinyuka abo bashingamateka ba mugabo niryo sibo kandi nuko abarundi twibagira iyo bavugako bamwe batatowe ererga nivyo kuko ntibatowe koko kuko barivye amatora erega nuko batarabisigura neza nivyo baba bashatse kuvuga,inama nshingamateka yatowe idahiganwe ubu reka mubangire gato tuzorabe ko mwatowe koko tuzoraba ibitigiri uyo mugambwe uzoronka nico kizokwereka koko batatowe
    Bivanye nivyo abategetsi bavuga nabo bashingamateka ntibaserukira abanyagihu ko ivo batoye ubwambere batora ikiringo cambere bitemewe nivyo sivyo rero
    Nimba ivyo batoye ari ivyabanyagihu bisigurako nigihe cikiringo cambere cumukuru w,igihugu arii abanyagihugu batoye muvyemeza iyo hari inyungu zanyu mukeneye gusa vamwo ntavyemezwa.............................Murahumba cagagura uburundi mwibaza ngo ngira tugize ibi niho ibi vyokunda ico kibazo cari kwigwa rimwe narimwe no kuzindi commune bikeneweko ziba intara none twihe ikibazo barundi kuki Rumonge?mwarahinyutse emeza canke mureke murataha

  • Kuva ku ntara 8 tugiye gushikka kuri 20. U Rwanda dusa n’abangana, bifitiye 4. Sinkeka ko kugwiza intara ariryo terambere. Tutaravye neza ejo ikomine yose izoba intara, umusozi wa recensement ucike i komine. None abadutwara ntavy’intwaro bize?

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.