Accueil > Amakuru > u Burundi > Abakenyezi barongoye abandi muri CNDD-FDD bifadikanije n’abanyagihugu (...)
Abakenyezi barongoye abandi muri CNDD-FDD bifadikanije n’abanyagihugu mubikorwa rusangi
samedi 16 Ruhuhuma 2013
Abakenyezi barongoye abandi mu mugambwe CNDD-FDD mu makomine agize igisagara ca Bujumbura,bifatanije n’abanyagihugu bo muri komine Bwiza mu bikorwa rusangi vyo kuri uno wa gatandatu igenekerezo rya 16 Ruhuhuma 2013.
Ivyo bikorwa vyari bijanye no kwegereza amatafari n’ivu ahariko harubakwa amashuri y’intango atandatu azoba agize ishuri nshingiro rya Jabe,mu ntumbero yo kuriduza.
Musitanteri wa komine Bwiza Esperance Ngerageze ari nawe arongoye umuhari w’abakenyererarugamba bo mu gisagara ca Bujumbura,yamenyesheje ko abo bakenyezi batanze intererano yabo mu bijanye n’inguvu ariko ko igice kinini kiva mu banyagihugu bo muri komine Bwiza bonyene ubwabo.
Esperance ngerageze yarangije amenyesha ko yizeye ko inyubako y’ayo mashuri izorangira mu kwezi kwa Myandagaro umwaka w’2013.
Mugisha Van Naris