IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Abakenyezi bo mu nzego zifata ingingo baracari bake mu Burundi

Abakenyezi bo mu nzego zifata ingingo baracari bake mu Burundi

samedi 30 Munyonyo 2013

Mu gihe bariko bararaba urugero umukenyezi aserukiweko mu nzego zifata ingingo, Perpetue Kanyange ari mu runani rw’abasanzwe bafashanya mu guteza imbere agateka k’abakenyezi yamenyesheje ko umukenyezi w’umurundikazi aserukiwe ku bice 17,52 kw’ijana kandi ibitegekanijwe n’amategeko ari ibice 30 kw’ijana.

Umukenyezi w’umurundikazi aserukiwe ku gice 1,47 kw’ijana mu nzego z’umutekano. Mu ntwaro aserukiwe ku bice 17,6 kw’ijana. Mu guteza imbere ubutunzi, umukenyezi aserukiwe ku bice 20,15 kw’ijana. Ariko naho biri uko, ivyo bitigiri biracari bito bagereranije n’ivyanditse mu mategeko nko mw’ibwirizwa shingiro, no mu masezerano ya Arusha, yompi ategekanya ko umukenyezi yoserukirwa ku bice 30 kw’ijana.

Ishirahamwe SPPDF (Synergie des Partenaires pour la Promotion des Droits de la Femme) ryibutsa ko Uburundi bwateye igikumu ku masezerano akingira agateka k’abakenyezi, rigasaba rero ko inzego zose za Reta gukurikiza ivyo ziyemeje mu guteza imbere umukenyezi, na cane cane muri kino gihe himirije amatora yo mu mwaka w’2015.


Floxella Karire

Messages

  • Irire amahera basha nayo ivyo guserukirwa bigeze aho!Ko mwama mwinjira mu migambwe abakenyezi bamaze gushinga imigambwe yabo ni bangahe?Mwiruka aho bihiye gusa ariko mwoshaka mwohindura Uburundi àl’image des autres pays où la femme a un mot àdire!
    Abo nyene bakoma induru bamaze gushika muri ivyo bibanza ntawusubira kubumva baryogoye.Combien de femmes meurent chaque jour àKirundo ,Cibitoke,Muyinga,Bubanza,...;tuées par leurs maris?Quelle déclarations avez vous sorties pour dire NON? Kwega basha ayo ma per diem abazungu babahaye hanyuma mwigire!

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.