Accueil > Amakuru > Poritike > Abakenyezi bo muri Sahwanya FRODEBU bariyamiriza ipfungwa rya (...)
Abakenyezi bo muri Sahwanya FRODEBU bariyamiriza ipfungwa rya Bamvuginyumvira
mercredi 18 Kigarama 2013
Abakenyezi bo mu mugambwe Sahwanya FRODEBU basaba ko Ferederiko Bamvinyumvira, yahoze ari icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu, ubu akaba ari icegera c’umukuru w’umugambwe Sahwanya FRODEBU, ko yorekurwa, kuko ataco ariko aragirizwa, atari irementanya.
Mw’itangazo basohoye ku munsi w’ejo kuwa kabiri, abakenyezi bahurikiye mu mugambwe Sahwanya FRODEBU bamenyesha ko bafata ivyashikiye Ferederiko Bamvuginyumvira nk’inyuruzwa ryakurikiwe n’ipfungwa. Nk’uko tubimenyeshwa na Joselyne Murekatete, icegera c’uwurongoye abakenyezi mu mugambwe Sahwanya FRODEBU, ipfungwa rya Ferederiko Bamvuginyumvira ryazanye icuka kibi muvya poritike. Abo bakenyezi bo muri Sahwanya FRODEBU bamenyesha kandi ko biyamirije ingendo igayitse y’umugambwe CNDD FDD uri ku butegetsi yo gukoresha inguvu kugira ushike ku nyungu zawo, ivyo navyo bikaba bitosekaza intwaro rusangi.
Abo bakenyezi basaba Reta y’Uburundi kurekura umushingamateka Ferederiko Bamvuginyumvira ata na kimwe kirinze gusabwa, guhagarika amarementanya ata na kimwe agamije atari ugusinzikaza agateka ka zina muntu n’ugushikana bamwe ku nyungu zinyegeje, gusubiza umuryango wa Ferederiko Bamvuginyumvira amafaranga n’ibintu vyose yatwawe igihe afatwa n’abajejwe umutekano.
Barangiza basaba inzego zo kwivuna abansi, abajejwe umutekano n’urwego rw’ubutungane kwirinda kuba ibikoresho vy’ubutegetsi, amakungu nayo agasabwa gukurikiranira hafi ibibazo vya poritike y’Uburundi, cane cane muri kino kiringo igihugu kigira cinjire mu matora, kugira amabi yahitiye mu myaka iheze ntasubire kwibonekeza mu Burundi.
Egide Nduwimana
Messages
18 Kigarama 2013, 09:34, par Karaciyingani
None abo baravye kuri youtube uwo baburanira ivyo yagize?nibatekane ahubwo barondere izindi ndongozi