Accueil > Amakuru > Utuntu n’utundi > Abakinyi b’amareresi bakunzwe cane kuruta abandi kw’isi
Abakinyi b’amareresi bakunzwe cane kuruta abandi kw’isi
jeudi 3 Gitugutu 2013
Ikinyamakuru Empire cashize ahagaragara amasanamu co kimwe n’amazina y’abakinyi b’amareresi bakunzwe cane, beza canke bafise n’igikundiro, inyuma y’ukubaza abantu batandukanye ku rubuga ngurukanabumenyi. Muri abo rero, hakaba hari urutonde rw’abagabo rugizwe na batanu, n’urundi rw’abagore rugizwe n’abandi nk’abo nyene.
Abagabo
1.Benedict Cumberbatch
Yakinye mw’ireresi Third Star, War Horse , The Hobbit n’izindi nyinshi ni we aza ku rutonde ubwa mbere
2.Tom Hiddleston
Azwi mw’ireresi nka The Deep Blue Sea n’izindi nyinshi
3.Henry Cavill
Yakinye yitwa Clark Kent mw’irersi Man of Steel
4.Ryan Gosling
Uyu nawe yakinye mw’ireresi yitwa Note Book
5.Robert Downey
Azwi muri Iron Man
Abagore
1.Emma Watson
Azwi cane muri Hermione mw’ireresi Harry Potter ni we niwe aza kw’isonga ry’abagore beza, bakundwa cane.
2.Scarlett Johansson
Yakinye muri The Other Boleyn Girl arakurikira
3.Jeniffer Lawrence
Azwi mw’ireresi yitwa Like crazy
4.Kristen Stewart
Azwi cane muri Twilight
5.Anne Hathaway
Yakinye ireresi yitwa Princess Diaries
Aristide Nizigire
Messages
7 Gitugutu 2013, 12:55, par kwizera juma
iyo nkuru niyo; muradushakira ubuzima bwabo