Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Abakinyi b’amareresi mu Burundi bagiye kuhatorera akoyokwe - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > Amareresi > Abakinyi b’amareresi mu Burundi bagiye kuhatorera akoyokwe

Abakinyi b’amareresi mu Burundi bagiye kuhatorera akoyokwe

dimanche 23 Ruhuhuma 2014

Igisata c’imicokama n’amareresi mu Burundi kigiye gutezwa imbere bivuye kw’ishirwaho ry’umugambi "Nzorama" uje gufasha amashirahamwe yo mu Burundi yari asanzwe akorera muri ico gisata. Ivuka ry’umugambi Nzorama uvutse mu mashirahamwe Africalia, ihuriro Coprodac na Tubiyage, ari nayo uwo mugambi uje gutera intege.

Umugambi Nzorama ufise ikiringo c’imyaka 2, kuva muri Ruhuhuma 2014 gushika muri Ruheshi 2016, uje gushigikira ugutunganya ibikorwa vy’amashirahamwe COPRODAC na Tubiyage mu gisata c’amareresi n’ivyese vyo mu Burundi. Iterambere ry’ico gisata ni ntangere mw’iterambere no guhumura amaso abene gihugu ku bijanye n’intwaro rusangi hamwe n’ubwigenge bwo gushikiriza ivyiyumviro.

Jean- Marie Ndihokubwayo arongoye ihuriro ry’abahinyanyuzi n’abakora ivyese COPRODAC, avuga ko ishirwa mu ngiro ry’umugambi Nzorama, ari inyungu nini kuri iryo huriro arongoye, kuko uwo mugambi uzobafasha kumenya vyinshi bijanye n’ugutunganya neza ivy’intwaro hamwe no gutanga ubumenyi buhagije mu bijanye n’amareresi n’ivyese mu Burundi. Umugambi Nzorama, biciye ku muhora ntangaza makuru «Site Web», uzofasha kumenyekanisha ibijanye n’imicokama y’Uburundi.

Jean-Marie abandanya amenyeshako Nzorama izokorana na Tubiyage kuko iyo yanyuma isanzwe ishika kure mu bijanye n’udukino ikoresha hagati mu banyagihugu dukebura abene gihugu guhindura inyifato. Abanditsi n’abakinyi b’amareresi bazohabwa inyigisho zijanye n’uwo mwuga usa n’uwutitaweho cane mu Burundi. Mu migambi yo muri kazoza COPRODAC itegekanya kuzoshiraho ishuri yigisha ibijanye n’amareresi n’ivyese kugira ico gisata gishike ku rugero rw’ibindi bihugu.

Ivyo vyavugiwe mu kiganiro ku bamenyeshamakuru catanzwe n’uwuserukira ishirahamwe ryi mu Bubirigi Africalia ari n’abo bazanye umugambi Nzorama , n’abo wega hamwe n’abo uje gufasha.


Chérif Nkeshimana

Messages

  • Hahaha,ndumva rero abakinyi b’amareresi bagiye kuhatohokera.Ariko rero murareba ntibizohave bironka abatabigenewe.jewe mbona bokwisunga ama Group matomato asanzwe akina amareresi nka Group ICIRORE,HESHIMA Goup n’izindi.Izo akaba arizo batangura gufata mumugongo kuko zo zisanzwe zikina amareresi biciye mu kwiyungunganya.Boronka ababafasha bokora bigashimwa,ndetse boteza imbere igisata c’amareresi mu Burundi.

  • Emwe gayeee mbabazwa nuko ubushimwe buhabwa abifise mukibagirako harabandi biyungunganya batagira na management

    Ariko ntanarimwe munabagendera muzi abakina ninde gusa

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.