Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Isabukuru y’amareresi FESTICAB yasohoye urutonde rw’abazohabwa (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > Amareresi > Isabukuru y’amareresi FESTICAB yasohoye urutonde rw’abazohabwa (...)

Isabukuru y’amareresi FESTICAB yasohoye urutonde rw’abazohabwa inyigisho

mercredi 26 Munyonyo 2014

Abakinyi b’amareresi n’abayategura bagiye kuronswa inyigisho bazohabwa n’umuhinga mpuzamakungu avuye mu gihugu ca Cameroun.

Isabukuru y’amareresi mu Burundi "FESTICAB" rifadikanije na Wallonie Bruxelles International (W.B.I) barateguye inyigisho ku bijanye n’ubuhinga bwo kwandika no gutunganya amareresi(écriture et réalisation d’une série télévisée). Inyuma yo kwandikira basaba abipfuza kuja muri izo nyigisho, abagera kuri 15 baratowe muri 40 bari banditse basaba kuzironswa.

Mbega hasabwa iki kugira uje k’urutonde rw’abazohabwa izo nyigisho?

Amakuru dukura muri FESTICAB avuga ko hasabwa ko uwubishaka yoba amaze kwandika canke gukina ireresi (Film ou Documentaire), kuba ufise ubumenyi mu bijanye n’amareresi, kuba warumaze kuja mu nyigisho z’amareresi, kuba ufise umugambi uriko urakora mu bijanye n’amareresi hamwe n’ibindi.

Abazoronswa inyigisho 15 ni aba bakurikira:

1. Kwizera David Mwami 2. Munezero Eric 3. Dukundane Evrard 4. Grace Ruhwikira 5. Nsengiyumva Guy Xavier 6. Hussein Butoyi 7. Ibrahim Kwizera 8. Joseph Ndayisenga 9. Muzinga Julienne 10. Laure Olivier Ninteretse 11. Monia Inakanyambo 12. Nitanga Tchandrou 13. Ndayisaba Yannick 14. Evrard Niyomwungere 15. Balthazar Mukenuzi.

Inyigisho zizotangwa na Alain Sage Noah umuhinga ava mu gihugu ca Cameroun, ni kuva kw’igenekerezo rya 08 gushika kuri 20 Kigarama 2014.


Cherif Nkeshimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.