Accueil > Inkino > FOOTBALL > Abakinyi b’Intamba mu Rugamba buriye indege bagana igihugu ca (...)
Abakinyi b’Intamba mu Rugamba buriye indege bagana igihugu ca Djibouti
mardi 1er Ndamukiza 2014
Abakinyi b’Intamba mu Rugamba buriye indege bagenda mu gihugu ca Djibouti aho bitavye urukino ruzobahuza n’umurwi nserukiragihugu w’ico gihugu, w’abakinyi bafise munsi y’imyaka 20.
Mu gitondo co kuri uwu wa kabiri igenekerezo rya 01 Ndamukiza, abakinyi 18 b’umurwi nserukira gihugu Intamba mu Rugamba bafise munsi y’imyaka 20 bazindukiye mu rugendo rubashikana mu gihugu ca Djibouti. Bitavye urukino rwo gutoramwo imirwi izoja mu mahiganwa ca CAF azobera muri Sénégal mu mwaka w’2015.
Urukino ruzoba kw’igenekerezo rya 04 i Djibouti, abakinyi b’intamba mu rugamba bakazoshikayo igihe c’isaha zitatu ku masaha y’i Djibouti, ni ukuvuga igihe c’isaha imwe z’agatondo ku masaha yo mu Burundi.
- Umushikiranganji w’urwaruka, inkino n’imico kama yasezeye abakinyi b’Intamba mu rugamba, abashikiriza ibendera c’igihugu c’Uburundi bagiye guserukira
Mwomenya ko igihugu ca Djibouti gifise ubushuhe bungana na degré 32 kuri uno munsi wa kabiri. Ubwo bushushe ntiburi kure cane y’ubwo mu Burundi, ivyo navyo bikazofasha abakinyi b’intamba mu rugamba, mu gihe tuziko ubushuhe buhora bubangamira abakinyi b’Abarundi iyo bagiye mu bihugu bishushe.
Urutonde rw’abakinyi bagiye guserukira Uburundi :
1. NDAYISHIMIYE Hussein akina muri Messager Bujumbura
2. NININAHAZWE Bienvenu wo muri Messager Ngozi
3. BAYIZERE Olivier akina muri Messager Ngozi
i
4. BIGIRIMANA Issa wo muri Lydia Ludic Burundi Académie
5. BIZIMANA Hassan wo muri Inter star
6. HAkizimana Alexis akina muri Athletico Olympic
7. MPAWENAYO kevin- Raoul / Athletico Olympic
8. MUBANGO Tresor wo muri Athletico Olympic
9. MUHUZA Patient wo muri Royal Fc
10. MOUSSA Omar akina muri Flambeau de l’Est
11. MVUYEKURE Emmanuel wo muri Lydia Ludic Burundi Academic
12. NDAYIZERE Vovo Selemani wo muri Vital’O Fc
13. NININAHAZWE Fabrice akina muri Lydia Ludic Burundi academic
14. NIYONKURU Nassor wo muri Athletico Olympic
15. NSHIMIRIMANA David akina muri Flambeau de l’Est
16. SABUMUKAMA Enock wo muri Messager Ngozi
17. UWAYEZU Nice-Francky wo muri Messager Bujumbura
18. IDRISSA Ramadhan akina muri Messager Bujumbura
Umumenyereza : RAINER Wilfried
Icegera c’umumenyereza : Massoudi IRAMBONA
Umumenyereza w’abanyezamu : Amidou Hassan
Chérif Nkeshimana