Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Abakinyi 2 bo muri FC Barcelone n’ibo bafise ibitsindo vyinshi mu gikombe (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > Abakinyi 2 bo muri FC Barcelone n’ibo bafise ibitsindo vyinshi mu gikombe (...)

Abakinyi 2 bo muri FC Barcelone n’ibo bafise ibitsindo vyinshi mu gikombe c’isi.

jeudi 26 Ruheshi 2014

Igice ca mbere c’amahiganwa y’igikombe c’isi kirangira kuri uwu wa kane. Ibihugu 16 bisezera amahiganwa biza kumenyekana inyuma y’inkino zo ku mugoroba. Ku mugabane wa Afrika, Nigeriya iramaze gushika mu gice c’umunani.

JPEG - 42.3 ko
Umunezero w’abakinyi ba Nigeriya

Inkino zaraye zibaye ku munsi w’ejo kuwa gatatu zahuje ibihugu vyo mu mirwi E na F, mu nkino za mbere, zahuje Nigeriya na Argentine. Ku kindi kibuga hariko hakina Bosnie na Iran. Argentine yatsinze Nigeriya ibitsindo 3 kuri 2, Bosnie itsinda Iran 3 kuri 1. Ivyo vya nyuma vyaciye bisezera amahiganwa habandanya Argentine na Nigeriya.

Isaha zine z’ijoro hakinye ibihugu vyo mu murwi E. Suisse yatsinze Honduras 3 ku busa, urundi rukino rwahuje France na Equateur batahanye ubusa ku bundi. Muri uwo murwi Honduras na Equateur vyaciye bikura meza. Mu gice c’umunani, Ubufaransa buzotana mu mitwe na Nigeriya nayo Argentine ihure na Suisse.

Inkino za nyuma z’ikurakuranamwo zirangizwa n’inkino zihuza Reta zunze Ubumwe za Amerika n’Ubudagi. Muri uwo mwanya nyene Ghana iza kuba iriko ikina na Portugal, isaha zitandatu z’ijoro hakina Coreya y’Epfo n’Ububirigi na Algeriya izoba iriko ikina n’Uburusiya.

Mwomenya ko ibitsindo 2 yinjije mu rukino na Nigeriya vyatumye Lionel Messi ahamvya Neymar Junior bakinana muri Barcelone mu bakinyi bafise ibitsindo vyinshi mu bakinyi bose bari mu nkino zo muri Bresil.

JPEG - 160.2 ko
Messi ahejeje kwinjiza igitsindo ca kane

Cherif Nkeshimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.