Accueil > Inkino > FOOTBALL > Abakinyi ba RDC bahawe na Joseph Kabila agashimwe k’imiduga izimvye
Abakinyi ba RDC bahawe na Joseph Kabila agashimwe k’imiduga izimvye
mardi 9 Ruhuhuma 2016, par
Umukuru w’igihugu wa Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Congo, Joseph Kabila, yakiriye abakinyi b’ico gihugu baheruka gutwara igikombe ca CHAN 2016. Abakinyi bakiriwe hamwe n’abamenyereza babo, hamwe n’abayobozi baherekeje uwo murwi. Umwe wese yahawe umudari w’inzahabu, hamwe n’imodoka nshasha yo mu bwoko bwa Toyota Land Cruiser.
Abo bahora mw’ihiganwa rya CHAN 2016 mu gihugu c’Urwanda bakiriwe kuri uwu wa kabiri ku kirimba c’umukuru w’igihugu, yaba abakinyi canke abandi bose bari kumwe n’uwo murwi wa Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Congo (Staff technique), baheruka gutsindira CHAN 2016, bakaba bose bahawe imidari y’inzahabu n’iyo miduga izimvye.
- Umwe wese yahawe umudari w’inzahabu, hamwe n’imodoka nshasha yo mu bwoko bwa Toyota Land Cruiser
Mu kubandanya ibirori vyo kwigina intsinzi ya Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Congo, bitegekanyijwe ko kuri uwu wa gatatu, abakinyi bazokwerekana igikombe baheruka kutsindira, akazoba ari kuri Stade des Martyrs i Kinshasa, aho vyitezwe ko abakunzi bw’umurwi nserukiragihugu wa Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Congo ibihumbi n’ibihumbi bazoba bitavye akamo batewe ko kwakira ico gikombe umurwi wabo watwaye, inyuma y’intsinzi ya bitatu, ku busa bw’umurwi nserukiragihugu wa Mali.
- Abo bahora mw’ihiganwa rya CHAN 2016 mu gihugu c’Urwanda bakiriwe kuri uwu wa kabiri ku kirimba c’umukuru w’igihugu
IGIHE
Messages
9 Ruhuhuma 2016, 21:47, par Mandela Yves
Ni Vyiza Cane Uwo Mukuru W’igihugu Atandukanye N’abandi Bakuru B’ibihugu
10 Ruhuhuma 2016, 08:01, par innocent ndundi
ndashimiy umuku wigihugu ca RDC kwakogashimw atanz ngira aband bakur bibihugu barabony akarorero
10 Ruhuhuma 2016, 08:26, par jon puh
hakenewe abapresida nka kabira naka game abandi nabo babonereho
10 Ruhuhuma 2016, 12:09, par masudi
Twebwe abarundi tuzikwicana gusa nokwibanira kubutegesti atacodushoboye nibarabire kubandi bazikuvuga gusa ifuyimijira
11 Ruhuhuma 2016, 11:08, par BENI
naje nararyohew congo itsinze courage
11 Ruhuhuma 2016, 11:27, par Melance
Abandi Bose Bakwiye Kumubonerako Akarorero Nakomere Abakinyi Nabo Bamuyoboko Kandi Bamugamburukire Big Up R D C
11 Ruhuhuma 2016, 13:33, par mbabazi
bariya bafite itunga wee!! apana mwe mwirirwa mupfa ivya amazuru yanyu.
14 Ruhuhuma 2016, 06:47, par ndayikengurukiye jules
Nararyohewecane