Accueil > Inkino > FOOTBALL > Abakinyi baserukiye Uburundi muri CECAFA KAGAME Cup 2014 baridoga (...)
Abakinyi baserukiye Uburundi muri CECAFA KAGAME Cup 2014 baridoga cane
vendredi 15 Myandagaro 2014
Inkino za CECAFA KAGAME Cup 2014 zigeze mu gice c’umunani c’amahiganwa, imirwi nserukira bihugu irabandanya igice c’ikurakuranamwo.
Urutonde rw’inkino zabaye tutabashikirije, vyagenze uku gukwirikira :
1) Igenekerezo rya 13 Myandagaro:
Igihe c’isaha indwi (13h 00) : Atletico Olympic yo mu Burundi yakinye na KCCA yo muri Ouganda. Kuri "penalty"yatewe n’Ubuganda, Atletico yaciye itsindwa 1-0
Isaha icenda ( 15h00) : APR FC yo mu Rwanda yirahiye Telecom yo muri Djibouti 1-0, ico gitsindo umuhagarikizi ntiyagihurije na bagenzi we bo ku mpande ariko yaracemeje.
2) Igenekerezo rya 14 Myandagaro
Isaha indwi (13h00): Adama city yanganije na Atlabara (1-1)
Isaha icenda (15h00): Police FC yatsinze Benadir (3-1)
Isaha cumi n’imwe (17h00) : Rayon Sports itsinda KMKM ( 1-0)
Ku rutonde rw’uno munsi w’umunani w’inkino inkino ziri uku gukwirikira:
Isaha indwi (13h00): Atletico Olympic ikina na Djibouti Telecom
Isaha icenda (15h00): El Merreikh itana mu mitwe na Vital’o
Isaha cumi n’imwe (17h00): APR FC ikina na Gor Mahia
Mwomenya ko biguma bivugwa ko abakinyi bagiye guserukira Uburundi muri ayo mahiganwa bidoga cane kubera ukuntu bafashwe. Ubushikiranganji bubijejwe buvuga ko ata mahera busigaranye ko kandi abarongonzi ba CECAFA ari bo bategerezwa gutunganiriza abo bakinyi.
Cherif Nkeshimana
Messages
15 Myandagaro 2014, 18:42, par nzisabira
nimba mukenye muba muja hehe? nimwigumire mu kamenge, cibitoke, kinama ,buterere,bukirasazi, kanyosha. Apana kuza i kigali nta cash ufite kuko umuriro wokwaka no ku mutwe
15 Myandagaro 2014, 20:26, par RUHINANKIKO
mudutohoreze amakuru avugako umuyobozi wa FFB yarungiye 20.000(Vingt mille) FBU ku ma equipes yose yaserukiye u Burundi muri CECAF hahahhaha ayo jewe nyogesha imodoka agahita ahera none koko azamarira iki imirwi yaserukiye u Burundi?????
19 Myandagaro 2014, 09:57, par Yves Rugunga
Ubwo se ibyo uwo muyobozi yotangaje ni vyo ko CECAFA ari yo nyine itunga abakinyi? si vyo rwose na gato.
18 Mukakaro 2015, 18:31, par NDINDIRIJE J.CLAUDE
EGO NIKO NTIBIHENZE ARGENTINE IRACARI IYAMBERE