Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Abakinyi bakina hanze baje gufasha Intamba mu Rugamba bose baramaze (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > Abakinyi bakina hanze baje gufasha Intamba mu Rugamba bose baramaze (...)

Abakinyi bakina hanze baje gufasha Intamba mu Rugamba bose baramaze gushika

mercredi 2 Nyakanga 2015

Abakinyi bose bakinira mu murwi yo hanze bari batumiwe mu murwi nserukira gihugu Intamba mu Rugamba baramaze gushika kwifatanya n’abandi mu myimenyerezo aho abera ku kibuga c’ikigo c’ubuhinga,c’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burunfi FFB.

Abakinyi bamaze gushika ni Fuad Ndayisenga,Kalim Nizigiyimana batazira Makenze,Pierrot,Yamin Selemani,Emmanuel Ngama,Didier Kavumbagu,Hamissi Cedrick,Papy Faty,Frederic Nsengiyumva batazira Fele Tambwe Hamissi na Abdoulazak Fiston.

Umumenyereza w’intamba mu rugamba amenyesha ko yizeye ko umurwi nserukiragihugu Intamba mu Rugamba uzotahana amanota atatu , mu rukino rwo kuwa gatandatu igenekerezo rya 5 Nyakanga 2015 kuko umurwi witeguye neza kandi agasaba abakunzi b’urukino rw’umupira w’amaguru kuza kubashigikira.

Mu ntumbero yo kuraba aho imyiteguro igeze,uwo murwi nserukiragihugu warakinye urukino rwahuje abakinyi bakinira hanze n’abakinira mu Burundi,intsinzi yatahukanye abakinyi bakinira hanze ku ntsinzi y’ibitsindo 4 k’ubusa.

Mwomenya ko umukinyi David Habarugira vyari vyitezwe ko aza gufasha umurwi nserukiragihugu ariko ntivyakunze kuko yakomeretse imbere y’uko afata indege.


Van Naris Mugisha

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.