Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Abakinyi bakina hanze bazofasha umurwi nserukiragihugu barungikiwe (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > Abakinyi bakina hanze bazofasha umurwi nserukiragihugu barungikiwe (...)

Abakinyi bakina hanze bazofasha umurwi nserukiragihugu barungikiwe ubutumire

lundi 17 Myandagaro 2015

Urutonde rw’abakinyi icumi n’umwe b’abarundi bakinira mu mirwi yo hanze batumyeko kuza gufasha mu murwi nserukiragihugu Intamba mu Rugamba mu rukino ruzowuhuza n’igihugu ca Niger kw’igenekerezo rya 5 Nyakanga 2015 rwamaze kumenyekana.Ubutumire bwabo bakinyi bwamaze gushika mu mirwi basanzwe bakiniramwo.

Abo bakinyi ni :

NDIKUMANA Selemani akina mu murwi wa Primeiro de Agosto mu gihugu ca Angola, Papy Faty akina mu murwi wa Bidvest Wits muri Afrika y’Epfo, Abdoul Razak Fiston akina mu murwi Mamelodi Sundowns mu gihugu ca Afrika y’Epfo, Frederick NSABIYUMVA akina mu murwi Jomo Cosmos muri Afrika y’Epfo.

Abandi bakinyi batumweko ni :

Amissi Cédric akina mu murwi Chibuto FC muri Mozambique, Karim NIZIGIYIMANA akina muri Gor Mahia muri Kenya , KWIZERA Pierrot akina muri Rayon Sport mu Rwanda, TAMBWE Amissi akina muri Young Africans muri Tanzaniya, KAVUMBAGU Didier wa Azam FC muri Tanzanie na Fuadi NDAYISENGA wa Sofapaka muri Kenya.

Umunyamabanga mukuru mw’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi Yeremiya Manirakiza,amenyesha ko ubutumire bwabo bakinyi bwamaze kurungikwa kugira imirwi bakinira ibarekure vuba cane bishoboka.

Umurwi nserukiragihugu w’Uburundi uri mu murwi K ugizwe n’ibihugu vya Senegal,Niger na Namibie.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.