Accueil > Inkino > FOOTBALL > Abakinyi bose barashitse, imyimenyerezo irabandanya : Amafoto
Abakinyi bose barashitse, imyimenyerezo irabandanya : Amafoto
mercredi 11 Munyonyo 2015, par
Abakinyi b’umurwi nserukiragihugu w’Uburundi batumweko kugira bitegurire urukino ruzohuza Uburundi na RDC kuri uwu wa kane barashitse. Imyimenyerezo irabandanya, mu gihe Bigirimana Gael wa Newcastle United F.C. yitezwe ko ashika ku mugoroba wo kuri uwu wa gatatu.
Abakinyi Papy Faty, Frederic Nsabiyumva, Tambwe Amissi hamwe na Fwadi Ndayisenga bari basigaye barashitse, bakaba bari mu myimenyerezo na bagenzi babo. Dugary NDABASHINZE yamenyesheje ko atashoboye kuza kuko atiteguriye urwo rukino. Imyimenyerezo irabandanya, urukino rukaba rwitezwe kuri uwu wa kane igenekerezo rya 12 Munyonyo 2015 igihe c’isaha icenda n’iminota mirongo itatu, ku kibuga citiriwe umuganwa Rudoviko Rwagasore.
Amatike y’ukwinjira kurorera urwo rukino azotangura kugurishwa mu gatondo ko kuri uwu wa kane umunsi w’urukino, ku cicaro c’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi FFB, kuri Athenee Primaire, hamwe no kuri Commune Buyenzi.
Ibiciro vy’ukwinjira :
Ku nkengera z’ikibuga (Pourtour) : Amafaranga ibihumbi bitatu vy’amarundi (3000 Frs) Ubwugamo A - D : Amafaranga ibihumbi cumi vy’amarundi (10.000 Frs)
Ubwugamo B - C : Amafaranga ibihumbi mirongo ibiri vy’amarundi (20.000 Frs)
Ubwugamo bw’iteka : Hazokwinjira abafise ubutumire.
Amafoto y’imyimenyerezo
IGIHE
Messages
11 Munyonyo 2015, 18:56, par DJ.TUYI
ndabifpurije itsinzi natwe abarundi muri rusangi turiko turasengera abakinyi bacu.ngo imana ibahe inkomezi kugira ahobukera azomanuke kukibuga,bose bakomeye.epuipe yacu ndayipfurije itsinzi
11 Munyonyo 2015, 20:49, par inocet
ndahaye amahigwe umugwi wintamba murugamba
12 Munyonyo 2015, 13:13, par CYRIAQUE NYANZA
NDAKEJE ABAKINYI BINTAMBA MURUGAMBA ATI TSINDA NTIMWIHEBURE IMANA IRABABONA.
15 Munyonyo 2015, 16:23, par vyamungu yves
Ibitsindo 5 ndÀbiteyiteke intamba murugamba
15 Munyonyo 2015, 16:59, par Gakwaya abdallah
Jewe ndashimiye cane kubona mwitegura neza uko rukino! Dizeye ko amanota atatu arikwaju!