Accueil > Inkino > FOOTBALL > Abakinyi Mackenzi na Fuadi batahukiye Rayon Sport
Abakinyi Mackenzi na Fuadi batahukiye Rayon Sport
lundi 22 Mukakaro 2013
Mu makuru twaheruka kubashikiriza, twarababwiye aho ukwumvikana ku masezerano hagati y’abakinyi b’abarundi Nizigiyimana Karim na Ndayisenga Fuadi kugeze. Ubu vyaradadanutse, abo bakinyi bompi begukira umurwi wa Rayon Sport. Umurwi wa Kiyovu Sport wabashaka watashe zirayoye.
Mu gihe umurwi wa Kiyovu Sport wari ugeze kwa noteri wa Leta, ugiye guteza umukono abakinyi babiri ba Rayon Sport, Nizigiyimana Karim na Fuadi Ndayisenga, amasezerano y’imyaka ibiri, Rayon Sport yaciye ihashika ubwo nyene ibintu bica birahinduka. Yaciye ibongera amasezerano, ubu bakaba bagiye gukinira Rayon Sport.
- Fuadi yari yageze kwa Noteri agira atere umukono ku masezerano n’umurwi wa Kiyovu Sport. Abayobozi wa Rayon Sport baciye bahashika, bamuzaniye sheki, nawe ati "Ndagarutse muri Rayon Sport"
Umwe mu bayobozi bakuru ba Kiyovu Sport yari yamenyesheje bagenzi bacu bakorera IGIHE mu Rwanda ko abo bakinyi bamaze kwumvikana, hasigaye gushira umukono ku masezerano. Imbere yo guhaguruka i Nyanza, bari bandikiye ubutumwa bugufi (sms) Team Manager wa Rayon Sport, Thierry Hitimana ko bagiye kuvugana na Kiyovu Sport.
Inyuma y’aho Rayon Sport ibahaye amasezerano mashasha, umumenyereza wa Rayon Sport Didier Gomez da Rosa, biciye ku rubuga rwa Facebook, yashimiye umuyobozi wa Rayon Sport akaba n’umuyobozi w’akarere ka Nyanza. Yagaragaje umunezero afise ku kubona abo bakinyi rurangiranwa b’abarundi, bakundwa cane mu gihugu c’Urwanda bashoboye kwemera ko bagiye gukinira umurwi wa Rayon Sport. Mu rurimi rw’ikinyarwanda yagize ati” Murakoze cyane cyane Mayor.”
- Amasezerano ya Ndayisenga Fuadi n’umurwi Rayon Sport
Egide Nduwimana