Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Abigeme barashobora kutamenya ica batwaye ubusugi bwabo - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Utuntu n’utundi > Urukundo > Abigeme barashobora kutamenya ica batwaye ubusugi bwabo

Abigeme barashobora kutamenya ica batwaye ubusugi bwabo

vendredi 14 Ntwarante 2014

Hari abahungu canke abagabo bipfuza kurongora canke gukundana n’abakobwa bakiri amasugi. Ariko rero kugira bamenye ko umukobwa bagiye gusaba urukundo akiri isugi bikabata kuw’amazi, kuko hariho n’abakobwa bibazako bakiri canke batakaje ubusugi bwabo ariko atari vyo. None umukobwa yomenya ko akiri isugi gute? Mbega kuba isugi bifasha iki abagabo canke abahungu?

Umukobwa yitwa isugi mu gihe atarabona n’umugabo, bisigura ko ata mibonano mpuzabitsina aragira kuva yakabaho. Ivyo rero abaganga barashobora kubibona bakoresheje igikoresho cogupima citwa "speculum". Aho rero baraba ko agace kitwa "Hymen" kakiri mu gihimba c’irondoka c’umukobwa.

Naho biri uko, umukobwa arashobora gutakaza ubusugi kandi atagize imibonano mpuzabitsina. Ivyo bishobora kuva ku nkino akunze gukina, ko kunyonga ikinga, inkino zo gusimba, kwiruka canke kugenda cane n’ibindi. Ico gihe, umukobwa wewe ntamenya ko yoba atakiri isugi kuko ata mibonano mpuzabitsina aba yagize. Ariko umukobwa aharurwa ko akiri isugi mu gihe ata gitsina gabo azi.

Hari abagabo canke abahungu bipfuza kurongora abakobwa bakiri amasugi. Bamwe muri bo biyumvira ko abakobwa batakaje ubusugi bashobora kuba bamaze kuryamana n’abandi bagabo, abandi bagafata nk’umusambanyi karuhariwe uwutakiri isugi. Ariko rero duhejeje kwumva ko ubusugi bushobora kugenda ata mibonano mpuzabitsina ibanje kuba. Eka n’abaganga ntibiborohera kumenya icoba caratwaye ubusugi bw’umukobwa.

Ivyo rero birashobora kuba intambamyi kuri abo bagabo canke abahungu bipfuza kurongora isugi, mu gihe basanze uwo bakunze atakiri isugi. Abenshi mu bagabo canke abahungu bibwira ko umukobwa ari isugi mu gihe babonye umukobwa avuye amaraso mu gihimba c’irondoka bariko bagira imibonano mpuzabitsina. Basanze atarivyo, bafata uwo mukobwa nk’umubeshi canke bagaca bamuheba, bakarondera uwundi. Ntawibaza ko ko umuhungu yoguma arondera mpaka aronse isugi akabona kwubaka urwiwe.

Kuba isugi nta kintu kinini bifasha mu rukundo nk’uko twavyanditse kuko hari abaja kwubaka izabo ari amasugi ariko ugasanga bafise izindi ngeso mbi n’ukurenga ibigo bikandurukiramwo, nk’uko hari n’abamasugi bubaka ugasanga n’intore kubera kamere kabo ariko atari kubera bubatse bakiri isugi.


cherif Nkeshimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.