Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Abakoresha umwanya munini inyabwonko​, imboneshak​ure na ngendan​wa (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Utuntu n’utundi > Abakoresha umwanya munini inyabwonko​, imboneshak​ure na ngendan​wa (...)

Abakoresha umwanya munini inyabwonko​, imboneshak​ure na ngendan​wa bagabish​ijwe

samedi 21 Ruheshi 2014

Inyabwonko, imboneshakure hamwe na terefone ngendanwa, ni bimwe mu bibangamiye amaso. Mu bushakashatsi buheruka gukorwa, basanze abakoresha umwanya muremure mwene ivyo bikoresho babangamiwe n’ingorane zo kwuma amaso.

Gukoresha inyabwonko, kuraba imboneshakure hamwe no gukoresha ngendanwa umwanya munini, ni bimwe mu bikoresho vyazanywe n’ubuhinga bwa none. Ivyo vyatumye n’abatari bazi kubikoresha bavyiga kugira bajane n’ibihe bigezweho na rirya ari n’ibikoresho bisigaye bikoreshwa mu buzima bwa minsi yose.

Mu matohoza yakozwe n’abashakashatsi b’abayapani, basanze inyabwonko, imboneshakure, ngendanwa n’ibindi bikoresho bikoreshwa nkavyo, biri mu bituma amaso y’abantu akora cane.
Mu cirwa nkarishabwenge cakozwe na « JAMA Ophthalmology » basanze abakoresha umwanya muremure mwene ivyo bikoresho, babangamiwe n’ingorane zo kwuma amaso, aho usanga ubushobozi butuma umuntu akanura bwaragabanutse kubw’amazi yo mu maso aba yagabanutse. Abantu bahuye n’izo ngorane, iyo bakubise ingohe (Clignement) bituma imitsi yo mu maso ibabara.

Ku matohoza yakozwe ku bakoresha inyabwongo canke ibindi bikoresho vyose baraba nk’imboneshakure, basanze abafise izo ngorane zo kwuma amaso, basanze ari abantu bakoresha amasaha umunani ku munsi ivyobikoresho.
Ivyuma vy’ubuhinga bwa none abantu baraba nk’imboneshakure (Ecran), bifise ingaruka mbi ku maso nka co kimwe n’izuba, umuyaga canke umwotsi.

Mu kurinda amaso kuri abo bose barangura imirimo yabo imbere y’inyabwongo, imboneshakure n’ibindi bimeze nk’avyo, bihanuwe ko abantu boza baracishamwo umwanya wo kuruhuka mu kuraba, uko iminota itanu ihaciye. Kugabanya umuco w’inyabwonko hamwe no kuyishira aho amaso agera kubona canke kuyishira mu munsi y’amaso hama umuntu akagerageza kuza arakubita ingohe kenshi.


Mariella Bukuru

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.