Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Abakoze ibitero mu Bubirigi bamenyekanye - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Abakoze ibitero mu Bubirigi bamenyekanye

Abakoze ibitero mu Bubirigi bamenyekanye

mercredi 23 Ntwarante 2016, par egide

Abagabo batatu b’Abarabu berekanwe n’ivyuma bifata amasanamu (camera) ku kibuga c’indege ca Zaventem mu Bubirigi ko aribo bateye ibisasu kuri uwu wa kabiri vyahitanye abantu benshi. Abakoze ico gitero bamenyekanye mu giporisi c’Ububirigi, bakaba kandi bari bazwi ko bakora ibikorwa bibi, ariko mu giporisi ntibigeze bibaza ko boba bafitaniye isano n’iterabwoba.

Abakoze ivyo bitero vy’ubwiyahuzi babiri biturikirijeko ibisasu ku kibuga c’indege ca Bruxelles ku musi wa kabiri, basanze ari abavukanyi babiri, Khalid na Brahim el-Bakraoui.
Imboneshakure ya RTBF yamenyesheje ko abo babiri bavukana bamenyekanye bitagoranye mu giporisi.

Umugabo agira gatatu yabonetse ku masanamu ya camera zinyegeje, zo ku kibuga c’indege, akaba yari kumwe n’abo babiri. Uwo agira gatatu aracaronderwa.

Ibisasu bibiri vya mbere vyaturikiye ku kibuga c’indege ca Zaventem, igisasu ca gatatu naco kikaba caturikiye aho igari ya moshi zihagarara, vyose bihitana abantu 34, abandi bagera ku 250 barakomereka.

Ubutegetsi bw’Ububirigi bwatanguje ikigandaro c’iminsi itatu.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.