Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Abakozi 99 ba ONU bagirijwe ivyaha vyo gusambanya abantu ku (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > Abakozi 99 ba ONU bagirijwe ivyaha vyo gusambanya abantu ku (...)

Abakozi 99 ba ONU bagirijwe ivyaha vyo gusambanya abantu ku nguvu

vendredi 4 Ntwarante 2016, par egide

Ibiharuro vy’abakozi b’ishirahamwe mpuzamakungu ONU bakwekako ugusambanya abana n’abantu bakuze ku nguvu ciyongereye, kiva kuri 80 mu mwaka 2014, kigera kuri 99 mu mwaka w’2015.

Icegeranyo gishasha c’ishirahamwe mpuzamakungu ONU cerekana ko abantu 69 muri abo bakekwako ico caha, ari abari mu ngabo ziri mu butumwa bwo kugakana amahoro mu bihugu 10, ariko bakomoka mu bihugu 21 bitandukanye birwiriyemwo ivyo muri Afrika.

Ico cegeranyo c’ishirahamwe mpuzamakungu ONU nticerekana ahakomoka abo bandi bakozi 30 batari mu butumwa bwo kugarukana amahoro bakekwako ivyo vyaha.

Muri ico cegeranyo basaba ishirahamwe mpuzamakung ONU hamwe n’ibihugu vyarungitse abasirikare n’abaporisi, kureka abazokwagirizwa bagakurikirana, mbere bagatanga na ADN zabo.

Abaketsweko ivyo vyaha barimwo abasirikare n’abaporisi bakomoka mu Burundi, Ubudagi, Ghana, Senegal, Madagascar, Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Congo, Burkina Faso, Cameroon, Tanzania, Slovakia, Niger, Moldova, Togo, Afurika y’Epfo, Morocco, Benin, Nigeria hamwe na Gabon.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.