Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Abakozi b’ibanki y’isi yose baje kugenzura ibikorwa iyo Banki ishigikiye aho (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Abakozi b’ibanki y’isi yose baje kugenzura ibikorwa iyo Banki ishigikiye aho (...)

Abakozi b’ibanki y’isi yose baje kugenzura ibikorwa iyo Banki ishigikiye aho bigeze

samedi 16 Ruhuhuma 2013

Umugwi ugizwe n’abakozi 9 b’ibanki y’isi yose barashitse ku kibuga c’indege mpuzamakungu ca Bujumbura kuwa gatanu igenekerezo rya 15 Ruhuhuma inyuma y’umutaga.

Nk’uko umushikiranganji w’ikigega ca Reta no gutunganya imigambi Tabu Abdallah Manirakiza yabimenyesheje bagenzi bacu ,ngo intumbero nyamukuru y’urwo rugendo ni kugira uwo mugwi wirabire aho ibikorwa bishigikiwe n’ibanki y’isi yose mu Burundi bigeze.

Mu Burundi uwo mugwi uzokwishikira ku kivi ahasanzwe hariko harangurirwa imigambi ishigikiwe n’ibanki y’isi yose.

Tubamenyeshe ko inyuma y’urwo rugendo mu Burundi,uwo mugwi w’ibanki y’isi yose uzoshika mu bindi bihugu vya Afrika bikorana n’ibanki y’isi yose.


Marie Claire Ingabire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.