IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Abakozi ba reta bafise amadosiye barondera mu bushikiranganji bw’abakozi (...)

Abakozi ba reta bafise amadosiye barondera mu bushikiranganji bw’abakozi bagiye kworoherwa

mercredi 17 Nyakanga 2014

Ubushikiranganji bw’akazi no gutegekaniriza kazoza abakozi bwashizeho umurongo ku nimero 22225485, uzohora wakira abo bose bafise ivyo barondera muri ubwo bushikiranganji.

Kuri uno wa kabiri rero, akaba ariho hugururwa icese mu bushikiranganji bw’akazi no gutegekaniriza akazoza abakozi ,igisata kijejwe kuzokwakira abo bose bafise ivyo bashaka kubaza muri ubwo bushikiranganji. Uwo murongo bahamagarako akaba ari muri za zindi zidatwara amafaranga ‘’Numéro vert’’,iyo nayo akaba ari 22 225485. Uwo murongo bakaba bawushizeho mu ntumbero yo kwegereza abakozi ba Reta hamwe n’abandi bose, gushobora kuronka amakuru atandukanye bipfuza, yerekeye ubwo bushikiranganji.

Mw’itangazo ryasohowe n’ubwo bushikiranganji bamenyesheje ko hazokwama hari umurwi w’abantu bitaba ako gaterefone mu masaha y’akazi guhera igihe c’isaha imwe y’agatondo gushika igihe c’isaha icenda z’umurango, kugira bashobore kwishura ibibazo bijanye n’amadosiye y’abantu ku giti cabo.

Muri iryo tangazo bamenyesha ko ata mafranga azogenda umuntu akoresheje umuhora wa Onamob canke iterefone zindi zo munzu(Télephone fixe).


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.