Accueil > Amakuru > u Burundi > Abakozi babiri bo mu karere k’ubuvuzi ka Bururi barahagaritswe (...)
Abakozi babiri bo mu karere k’ubuvuzi ka Bururi barahagaritswe n’igipolisi
vendredi 28 Kigarama 2012
Hari kuwa kane igenekerezo rya 27 Kigarama aho abakozi babiri bo mu karere k’ubuvuzi ka Bururi n’umuzamu acungera ikigo kibika amaraso bahagarikwa n’igipolisi c’i Bbururi.
Abo rero bakaba bahagaritswe ku nvo z’amatohoza ku mafaranga arenga imiliyoni zibiri z’amafaranga y’amarundi yibwe mw’ijoro ryo ku wakabiri itariki 25 Kigarama umwaka w’2012 , mu kigega c’ububiko c’’ico kigo. Bikekwa ko aribo bayatwaye.
Marie Claire Ingabire