IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Abakozi bo mw’ishirahamwe INSS baracahagaritse akazi

Abakozi bo mw’ishirahamwe INSS baracahagaritse akazi

jeudi 5 Kigarama 2013

Ibikorwa bibayabaye gusa nivyo biriko birarangurwa mw’ishirahamwe INSS (institut national de securite sociale) . Abakozi b’iryo shirahamwe bakamenyesha ko batarota basubira ku mirimo mu gihe ivyo basaba bitagiye mu ngiro.

Mu gihe ku munsi w’ejo ariho abakozi bo mw’ishirahamwe INSS batangura yegereyegere, ushitse muri ico kigo INSS, nta mirimo iriko irarangurwa, bamwe mu bakozi bariko bariganirira abandi bariko bakina amakarata. Mw’itangazo ryashizwe ahabona na sendika y’abakozi ba INSS, ingingo yo guhagarika akazi bayifashe mu ntumbero yo kugaragaza akababaro bafise kubera ingingo iherutse gufatwa n’urwego nyobozi rwa INSS. Iyo ngingo nayo akaba ariyo kubakata agashahara kabo bahora bafata buri mwaka uheze bita ‘’prime de merite’’.

Gregoire Cishahayo umunyabanga wa sendika y’abakozi agira ati: ’’Twarababajwe n’iyo ngingo kuko itigeze ikwirikiza amategeko, ntitwagishijwe inama, urwego nyobozi rwa INSS, rwararenze amategeko agenga abakozi n’akazi.’’ Muri iryo tangazo nyene bamenyesha ko no mu mwaka wa 2012, urwego nyobozi rwari rwashatse kurihindura ariko umushikiranganji ajejwe abakozi n’akazi akaba yaciye asaba ko iyo ngingo yobangira, bakabanza gusubiramwo iryo tegeko. Geregori Cishahayo akamenyesha ko, batumva ukungene bokatwa ako gashahara kandi itegeko ribagenga rijanye n’ako gashara ryo mu mwaka wa 1999 ritigeze rihinduka.

Umuyobozi mukuru w’ikigo INSSTelesphore Irambona nawe, yamenyesheje ko babakase ako gashahara kubera umwimbu woba wabaye muke, amajambo mbere atemerwa n’abo baserukiye abo bakozi. Bati naho umwimbu woba waragabanutse vyiza n’ukWo twobanzwa kugishwa inama, vyose bigaca mu mwumvikano amategeko agakurikizwa, eka noneho umwimbu wagenze neza, nk’uko abo bakozi babivuga.

Abakozi bo mu kigo INSS rero basaba ubuyobozi bw’akazi kugerageza kubumviriza bwongere bubumvikanishe n’ubuyobozi bwa INSS, basubire ku mirimo. Atari aho naho, yegereyegere irabandanya. Mwomenya ko amakuru anuganurwa hirya no hino avuga ko ico kibazo coba gifitaniye isano n’idosiye ya Amanda Drinks ,amakuru tubandanya tubatohoreza.


Floxella Karire

Messages

  • None baradandaza ga aho bavugako umwimbu wagenze nabi?Bari barimye iki?Ayo baha Amanda Drinks yoyo araboneka!Ni babahe sha.Nta kindi babahora atari uko aba DD ari bake bahakora!

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.