Accueil > Inkino > FOOTBALL > Abakunzi b’INTAMBA MU RUGAMBA bahamagariwe urundi rukino
Abakunzi b’INTAMBA MU RUGAMBA bahamagariwe urundi rukino
jeudi 15 Gitugutu 2015, par
Abakinyi b’umurwi nserukiragihugu w’Uburundi bakina mu Burundi (Les locaux) bariko bitegurira urukino ruzohuza Uburundi n’umurwi nserukiragihugu wa Ethiopie.
Urwo rukino ruzobera i Bujumbura kuri uwu wa gatandat igenekerezo rya 17 Gitugutu 2015, ruri mu rukurikirane rw’inkino z’ugukurakuranamwo, imirwi yitegurira ihiganwa rya Afrika, ry’imirwi nserukiragihugu y’abakinyi bakina mu bihugu iwabo. Iryo higanwa rizobera mu gihugu c’Urwanda mu mwaka w’2016.
Urwo rukino ruzotangura igihe c’isaha icenda n’iminota mirongo itatu (15h30) mu masaha y’i Bujumbura, abakunzi b’INTAMBA MU RUGAMBA bagahamagarirwa gusidukana n’iyonka gufata mu mugongo umurwi nserukiragihugu w’Uburundi umaze iminsi wigenza neza, mu gutahukana intsinzi mu nkino zitandukanye.
IGIHE
Messages
15 Gitugutu 2015, 14:52, par None?
Nurukino ruherutse nubwoharivura nareneye ndajuba ariko ndahaba, nokuruyu wagatandatu nzohaba kugiranshigikire indanga zabarundi Intamba murugamba. Ariko imirwiyose ihura numurwiwacu nserukira Burundi ikomejekuba iyibihangangepeeee!!!.
15 Gitugutu 2015, 16:09, par J,EAN,DODIEU,RWASA
TUBIPFURINJE ITSINZI
15 Gitugutu 2015, 16:10, par J,EAN,DODIEU,RWASA
TUBIPFURINJE ITSINZI
16 Gitugutu 2015, 05:33, par Donatien
Ndabipfurije intsinzi.
16 Gitugutu 2015, 06:09, par Falcon
Muduhe amahoro niyo dukeneye,iyo mipira nayo yanyu murakina bushaka bubakereko.
18 Gitugutu 2015, 20:26, par NKESHIMANA J.De Diue.
Intamba Ziragahora Ziratsinda.
20 Gitugutu 2015, 00:18, par patrIck ndinzemenshi
Jewe nzoryohegwa niyo twarengana tukaja mu Rwanda.
22 Gitugutu 2015, 10:23, par REVES
BRAVOOO