Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Igiporisi nticihanganiye abari baje gusanganira Hussein Radjabu - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubutungane > Igiporisi nticihanganiye abari baje gusanganira Hussein Radjabu

Igiporisi nticihanganiye abari baje gusanganira Hussein Radjabu

mardi 30 Kigarama 2014

Abanyagihugu isinzi bari baje bava mu mihingo itandukanye nibo baboneka mu micungararo y’ibohero rikuru rya Mpimba mu gatondo ko kuri uwu wa kabiri. Igiporisi cashwiragije bamwe muri abo banyagihugu, abandi muribo bakaba bafashwe n’igiporisi. Abo banyagihugu bose bari baje gutegera uwahoze ari umukuru w’umugambwe CNDD FDD, umushingamateka Hussein Radjabu, kuko bari bumvise ko ahava asohoka ibohero, naho gushika ku muhingamo wo kuri uwu wa kabiri akiri mw’ibohero.

Mu micungararo y’ibohero rikuru rya Mpimba hazindukiye uruja n’uruza rw’abantu bavuga ko bari baje gusanganira uwahoze ari umukuru w’umugambwe CNDD FDD, umushingamateka Hussein Radjabu vyavugwa ko ahava arekurwa kuri uwu wa kabiri igihe c’isaha zitatu z’agatondo. Amabarabara ashika ku Mpimba yahavuye yugarwa n’igiporisi, na bamwe mu banyagihugu barafatwa, abari babangamiwe kurusha abandi akaba ari abari bambaye impuzu zigaragaza ko ari abayisiramu, canke abari bambaye udupira ducafyeko isanama y’umushingamateka Hussein Radjabu. Nk’isaha zine z’agatondo, umukuru w’ibohero rikuru rya Mpimba, Astère Serusina yabwiye abamenyeshamakuru ko ku rutonde rw’abanyororo bane vyari bitegekanijwe ko barekurwa kuri uwu wa kabiri, izina rya Hussein Radjabu ritarimwo, ahubwo akamenyesha ko ivyo ari ibihuha vyakwiragijwe ku buhinga ngurukanabumenyi bwa "Internet" n’uwahoze ari umunyamabanga mukuru wa CNDD FDD, Manassé Nzobonimpa. Ariko rero amakuru twakuye mw’ibohero rikuru rya Mpimba akaba avuga ko umuyobozi w’iryo bohero yabonanye na Hussein Radjabu, mu gatondo ko kuri uwu wa kabiri, amusanze aho asanzwe apfungiwe. Willy Nyamitwe, umuhanuzi mwishikira ajejwe kumenyesha amakuru mu biro vy’umukuru w’igihugu nawe nyene yabeshuje ayo makuru, abicishije kuri "Facebook" na Twiter" vyiwe, amenyesha ko ibiriko biravugwa ko Hussein Radjabu ahava arekurwa ari ibihuha.

Naho abategetsi batandukanye bagumye babeshuza ivyo vyavugwa vy’irekurwa rya Hussein Radjabu, uko umwanya wagenda niko abaporisi baguma bongerezwa kw’ibohero rikuru rya Mpimba, bisa nk’uko umenga hari abo boba biteguriye guhangana nabo. Nk’igihe c’isaha zitandatu z’umurango, umukuru w’ibohero rikuru rya Mpimba yasubiriye gukoranya abamenyeshamakuru, ababwira ko ari ibihuha, ku rundi ruhande naho abaporisi babandanya kwongerezwa, mbere bazana n’abafise vya vyotsi bikoroza amosozi bari barongowe n’uwo batazira "RUTUKU". Abanyagihugu bari ngaho twashoboye kuganira bamenyesha ko yoba ari amayeri y’ukugira bamusohore ata bantu bahari, kugira umunezero w’abakunzi biwe ntuhave umera nk’imyiyerekano mu gisagara ca Bujumbura.

Umushingwamanza Prosper Niyoyankana asanzwe ariwe aburanira Hussein Radjabu yamenyesheje ko ingingo y’ukumurekura, agahabwa umwidegemvyo w’agateganyo yamaze gufatwa n’aho atari bwaronke urwandiko rw’ukumusohora, ariko yaba mu nzego z’ubutungane, hamwe n’ubuyobozi bw’ibohero rikuru rya Mpimba, nta n’umwe yemeje ayo makuru bafashe ahubwo ko ari ibihuha vyakwiragijwe na Manassé Nzobonimpa hamwe na Hussein Radjabu nyene.

Amakuru atangwa na bamwe mu bahoranye na Hussein Radjabu mu burongozi bwa CNDD FDD amenyesha ahubwo ko uwo yahoze ari umukuru w’uwo mugambwe, umushingamateka Hussein Radjabu, bahavuye bamusaka bikomeye aho asanzwe aba, mbere bikavugwa ko yoba yimuriwe mu kindi kibanza gicunzwe bikomeye muri iryo bohero rikuru rya Mpimba.


Egide Nduwimana

Messages

  • mbe abo babafatiye iki ?igihugu nicabarundi bose ,itonde ubuca bucana ayandi.

  • mbe ndabaza nigiki gituma umugambwe cndd fdd utinya kurekura abanyepolitike bakomey?mama harabo bangaza mumahanga ah nuk batamutay mumvuto so biribonekezako bafise ubwob bwamatora .mbe inguvu ntaco zimaz mur democratie ahubwo nizo zigusambur ubutegetsi cndd bye

  • Intwaro ya CNDD igeze mu marembera.

  • Bwabundi rero Radjab Arakundwa nka Rwasa!murumva iryo sinzi ryabantu bari bagiye kumusanganira!Mbe Nyamitwe wewe aracaciye ubwenge?Burya umubeshi angana umurozi.Burira ntibutera ku mpeshi,tuzoraba igihe kihaca kuva uyu musi batangarijeko iyo nkuru,n’umusi bazomurekurirako.Ukurikw’abategetsi,n’ikinyoma c’abanyagihugu bizosobanuka rindira.

  • urazi aba DD nukuri muzoheza nabi cane ntimugira kwihangana inzira karengane muhora ivyiyumviro vyiwe nimwokwisubirako kweli mukiyambika nagashambara??? ariko kimwe gusa umusi uzogera namwe muzohasubira kandi si kera kwamba vert kwanyu ni vuba cane : ntamvura idahita

  • MWEBWE BANDITSI BOKURIKIKINYAMAKURU IGIHE, NABANDIBOSE BASHORA KUBONA IBINANDITSE BAKABA BASHOBOYE KUGIRICOBAZI KURIKIKINTUNGOMBAMBAZE MUCEMUNYANDIKIRA NGAHANYENE MUZAKUBAMUKOZE. UMVARERO NDABABWIRE JEWE MPERUKA KWUMVIRIZA RADIO BBC KUBUHINGABWANONE INTERNET ITARAHAGARIKWA MURWANDA, NIMWABAMWEBWE NCURIZANJE MUZI UKOBAYUMVIRIZA NIMUNTABARE MUNYOBORE MUBICISHIJE NGAHANYENE NSHOBORE KWONGERA KWUMVURIZA GAHUZAMIRYANGO YACU BANYAKUGIR’ IMANA.

  • wewe question biroroshe kunviza bbc genda kuri google wandike < rondera .com> hanyuma ukande " enter " uzobona ama Radio yose ugoma kunviriza biroroshe cane uce ukanda kwi radio yose ugomba kuko uzoba ufise urutonderwama radio menshi .

  • Emwe none abantu bataba mwibohero bamenya gute ibibera yo natwe abantu batobato tuzokwama duhendwa kweri.

  • Wowe QUESTION ngira nkuyobore uko wakwumva BBC kuri internet jya kuri google wandikemo www.bbc.com bihita biza hanyuma urabona ahanditse BBC News-Home ukore enter haraza indi page uyizamure ugere hasi urahira ubona ahanditse ngo More languages aha niho usanga urutonde rwindimi bbc ikoresha kuri radio yabo urabona rero mururwo rutonde ahanditse Amakuru mukinyarwanda/kirundi ukore enterurahita uba amakuru makuru ubone ahanditse ngo ibiganiro byacu uraba ahageze

  • @ Munyarwanda,NDAGUSHIMIYE KUKUTUMYE NONGERA KWUMVA GAHUZAMIRYANGO,KANDI NONGERANSHIMIRA IKIKINYAMAKURU IGIHE KINDUFASHA KIKADUHA URURUBUGA KUGIRADUKOMEZE KWUNGURANA IVYIYUMVIRO NOMUKUBWIRANA IVYUYUNDI ABATANZI AKABIMENYA. EKASINOKWIBAGIRWA GUSHIMIRA NUWITWA MUKUNZI NAWENYENE YARIYAGERAGEJE KUMFASHA ARIKONAGIYE KUYOBERWA IYONJA NIYOMVA NGEZEHAGATI.

  • kuki rajabu yaje gusanganigwa nabisiramu benshi gabasha kandi atariwe?canke nkeka hariho icobakuzigako muvyidini vyabo mutama, mbebasha jewe sindamenya muri somaria na nijeria kwabisiramu bakunda abakristo nkukukwino

  • murakwiye kubamuramupfunze

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.