Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Abakunzi ba Peter 0’Toole ntibagisubira kumubona - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > Amareresi > Abakunzi ba Peter 0’Toole ntibagisubira kumubona

Abakunzi ba Peter 0’Toole ntibagisubira kumubona

lundi 16 Kigarama 2013

Izina rya Peter o’Toole rizoguma ari ntibagiranwa ku bakunzi b’ireresi Lawrence d’Arabie yasohotse mu mwaka w’i 1962. Uwo rero naho yarakunzwe cane nticabujije k’urupfu rumwanura ejo hahise kw’igenekerezo rya 15 Kigarama, aho yaramaze igihe arwariye mu bitaro vyo mu gisagara c’i Londres. Ivyo vyatagajwe ku ma radiyo n’ibimenyeshamakuru vyo mu gihugu c’Ubwongereza, n’uwamugendanira Steve Kenis, aho yamenyesha ko ahitanywe n’urupfu rw’akarago.

None Peter 0’Toole ni nde ku bijanye n’amareresi? Peter yitavye Imana afise imyaka 81, ku myaka 20, Peter yaciye aja kwiga ivyirwa vy’imyuga i Londres, kw’ishuri bita Académie Royale d’Art. Gushika mu mwaka w’1959, yaramaze kuboneka nk’umuntu azovamwo umukinyi w’amareresi, kuko yaciye ahabwa igikorwa mu mareresi abiri « L’enlèvement et Les dents du diable ». Naho biruko Peter 0’Toole ntayaciye aguma aho kuko yarondera gutera imbere mu mwuga, kuko bivugwa ko yakinye neza cane igihe yakina kw’izina rya colonel thomas edward lawrence, batazira « Lawrence d’Arabie ».

Mu myaka ya 1965, Peter yikwirikiranije kabiri aronka ubushimwe, igihe yakina mw’ireresi Becket ya Peter Glenville, aho yakina nk’umwami Henri wa kabiri wo mu Bubirigi. Inyifato yagize ico gihe, yamuhaye agashimwe ka Golden Globe maze yambikwa ikanga ry’umukinyi wa mbere, aho hari haheze imyaka ibiri adaheruka gukengurukwa nk’umukinyi w’umugabo wa mbere. Ubuzima bwa Peter 0’Toole nk’umukinyi w’amareresi bumenyakana neza mu mareresi agera kuri 80, hamwe n’ibiteramo bitagira uko bingana yagiye akoresha hirya no hino, haba mu gihugu ciwe no mu bindi bihugu.

Yaronkejwe ubushimwe indwi, ariko akabirya ni ako yaronse mu mwaka w’i 2003 maze amateka yose nk’umukinyi arayaronswa. Mu mwaka w’i 2012, Peter 0’Toole yaramenyesheje ko agiye kwiruhukira, aho yaheruka gusubira kuronka agashimwe mu 2007.


Cherif Nkeshimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.