Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Abakuru b’ibihugu batandukanye bashitse mu birori i Johanesburg - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Abakuru b’ibihugu batandukanye bashitse mu birori i Johanesburg

Abakuru b’ibihugu batandukanye bashitse mu birori i Johanesburg

mardi 10 Kigarama 2013

Abakuru b’ibihugu barenga ijana bo kw’isi yose nibo bitezwe mu birori vyo gusezera umuhisi Nelson Mandela kuri uno wa kabiri, ndetse abatari bake harimwo na Petero Nkurunziza w’Uburundi bakaba bamaze gushika aho i Johannesburg.

Ivyo birori vyo kumusezera bikaza kubera ku kibuga c’inkino i Soccer City Stadium y’i Soweto i Johannesburg. Ivyo birori bikaza kwerekanwa ikibiriraho (en direct) kw’isi nzima, hamwe no mu turere 150 two muri Afrika y’epfo.

Barack Obama, Raul Castro, Jacob zuma, François Holllande, Dlima Rousseeff, David Cameron, Ban ki Moon, bose hamwe ni abakuru b’ibihugu 91, amashirahamwe mpuzamakungu, hamwe n’abahoze ari abakuru b’ibihugu 10 hamwe n’abandi banyecubahiro batandukanye, bakaza kwitaba ivyo birori vyo gusezera Nelson Mandela yitavye Imana ku genekerezo rya 5 Kigarama 2013.
Ibirori bikaza gutangura isaha 5 gushika isaha icenda y’umugoroba kandi bikaza kwerekanwa ku mboneshakure ikibiriraho kw’isi nzima. Ivyo birori biza kubera ku kibuga c’inkino cakira abantu 80000. Ibirori nyezina vyo kumushingurana iteka bikazoba ku munsi w’Imana igenekerezo rya 15 Kigarama 2013 i Qunu, mu bumanuko bwa Afrika y’epfo, aho mbere Nelson Mandela yasavye ko bomushingura.

Muri iyi ndwi, abapolisi hamwe n’abasirikare 11000 nibo bategekanijwe gucungera ibibanza bizoba biriko biraberamwo ibirori. Uretse Soccer City, n’ibindi bibuga vy’inkino vy’i Johannesburg bizoba vyuguruye kugira berekane ibirori ingene biriko biragenda. Hari n’ibindi bibanza 150 navyo nyene biza kuba biriko birabonekamwo ivyo birori. Mwokwibuka ko na Petero Nkurunziza, umukuru w’igihugu c’Uburundi yamaze gushika i Johannesburg mu birori vyo gusezera umuhisi Nelson Mandela.


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.