Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Abakurikiranye inyigisho baronkejwe impapuro ndangabikorwa - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > Amareresi > Abakurikiranye inyigisho baronkejwe impapuro ndangabikorwa

Abakurikiranye inyigisho baronkejwe impapuro ndangabikorwa

lundi 9 Kigarama 2013

Ishirahamwe ry’amareresi mu Burundi “Festicab”rifashijwe n’uwuserukira ishirahamwe Wallonie Bruxelles mu Burundi ryatanze impapuro ndangabikorwa ku bakwirikiranye inyigisho zerekeye amareresi maremare.

Mw’ijambo ryo gutanguza ibirori vyo gutanga impapuro ndangabikorwa, Ngabo Leonce arongoye ishirahamwe “Festicab”, yashimiye ishirahamwe Wallonie Bruxelles mugufasha muri ivyo bikorwa gushika bishike aho bigeze, yashimiye kandi umushingantahe Serge Alain Noah, yafashe umwanya wogutanga inyigisho, eka n’abazironse yabashimiye kugushaka kumenya ibijanye n’iyandikwa batari bamenyereye ry’amareresi. Serges Alain Noah yatanze inyigisho, mu kumwunganira, ashimira abafashije kugira inyigisho nk’izo zitangwe ku rwaruka rw’Uburundi.

Nk’umuhinga, avuga ko ireresi nziza iva ku kuntu iteguwe n’ibiyigize "La base d’un bon film, c’est toujours un bon scenario". Yarangije asaba abagira baronswe izo mpapuro gushira mu ngiro ivyo biyemeje gukora, maze iyandikwa ry’amareresi ryo mu Burundi rije ku rugero rumwe n’ayandi mareresi yo mu bindi bihugu. Eka n’abandi bose bafashe amajambo bagenda bashima ico gikorwa ciza.

Inyigisho zatangiwe mw’ihoteri Dorado kuva kw’igenekerezo rya 25 Munyonyo 2013 gushika kw’igenekerezo rya 06 Kigarama 2013. Kuri uno munsi w’igenekerezo rya 09 Kigarama, inyuma y’iminsi itatu ziheze, niho baheza bagatanga impapuro ndangabikorwa (Certificat de Formation), ku nkumi n’imisore 16, batowe mu bandi.
Mugutorwa baraba uwukwije ivyasabwa n’abateguye izo nyigisho. Olivier Iturere, ari mw’ishirahamwe "Itulive Media and Communications" yakwirikiranye abariko bahabwa inyigisho, avuga ko zaje kugira abanditsi b’amareresi b’Abarudi batere iyindi ntambwe. Abisigura avuga ko mu Burundi hakunzwe kwandikwa amareresi magufi (court metrage), kandi n’amareresi maremare vyoshoboka ko bayandika, narirya urwaruka rw’Uburundi rusanzwe rufise ubumenyi, ko hari hasigaye ko rwunganirwa n’ababizobereyemwo.

Abaronkejwe inyigisho, barashima ibitari bike bazikuyemwo kandi bashima iyo ntambwe nshasha bungutse, bipfuza ko inyigisho nk’izo zokwama zitangwa, maze ubumenyi bw’amareresi bukiyongera mu gihugu c’Uburundi. Basaba kandi ko hotorwa amategeko akingira amareresi yo mu Burundi, maze akaronswa agaciro.


Chérif Nkeshimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.