Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Abamarayika bafotowe bariko batembera mu kirere : Amasanamu - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Utuntu n’utundi > Abamarayika bafotowe bariko batembera mu kirere : Amasanamu

Abamarayika bafotowe bariko batembera mu kirere : Amasanamu

jeudi 11 Kigarama 2014

Umuhinga mu gufata amasanamu wo gisagara ca Boa Vista kuri ku mugwa mukuru w’igihugu ca Bresil yariko agerageza gufata amafoto y’inyoni ziri mu kirere. Amaze kwiyegereza ivyo abona mu cuma gifata amafoto (zoom), yabonye ibintu bishusha n’abantu.

Mu ntango yari afotora inyoni

Uwo muhinga amaze gukebwa n’ivyo abonye bifise amababa ariko bimeze nk’abantu, yariyegereje ivyo abona (zoom) aheza atahura ko ari abamarayika babiri bariko batembera mu kirere c’igihugu ca Bresil.

Raba amafoto:

Raba isanamu y’abamalayika bariko batembera mu kirere


Cherif Nkeshimana

Messages

  • iki nikinyoma namuntu ushobora kubona abamariyika keretse intumwa z"imana nizo zababonye gusa twebwe abantu basanzwe ubwo bubasha ntabwo dufise

  • none ko abamalaika kenshi barangwa n’umwambaro wera ahonaho ko bari gusa. Jewe nibazako atari bo ahubwo ni bimwe twabarirwako mu gihe c’iherezo hazoza vyinshi kandi bikayobeza benshi. Mbega abamalayika boshobora kuja ahabona umuntu akababona ata ntumbero bamufiseko? Mbega iyo baba bo ntibari guca banyika ubwo nyene kuko bari kumenya ko hari umuntu ariko abafotora? Ivyo rero sivyo abo yabonye sibo.

  • Nta Yezu we barabona mu kirere co mu Ngagara?

  • KABISA UYO MUNTU NI MENTEUR.ESE BARIKO BAYERERA BATAGIRA IYO BAJA.ARARABE NEZA NTABE ARI ABAKINZI BARI BAGIYE KW’I JOB.IZO NI INYONI YABONEYE MU GIPFUNGU NYABUNA!

  • emwe ikinyoma caraj iyo ni imyuka mibi.uwo muntu yari ari mumpwemu?yesu kristo ati bemaso kuko iki n’igihe canyuma.abanyefeso 6:12

  • Oya nibo kabisa ntawo harira dore ko bariko bagenzura ikirere ca Brazil walikua wanakagua nchi hio kabisa

  • ndasavye banyakubahwa mujejwe ururubuga muduhindurire ibivyiyumviro mururimi rwikiberezire /1 ntacumakibona ivyijuru/ 2 ntamumarayika agendera ikirere bagendera mubantu/3 nyamba baribamugendeye bamubwiye ibiki? konzi abagendewe nabamarayika bari nivyo bagendabavugana /4yamenyeshejwe niki kwari abamarayika nibobamwibwiye canke niwe yibwiye naduhe inyishu canke tubaze zebiya kwawe bavukana ari muri brezil

  • Ntibatubeshe, n’inyoni.

  • Mbe mwe muriyumvira canke?ivyo muribuka ko vyanditse Muri bible ngo mubihe vyanyuma hazoza ......

  • Abamarayika kwarumwuka yabafotora ate? Nasige aho nokubesha.

  • Iyaba Pasitori wo muri Guérison des ames,canke "Pas du riz"mwari kuvyemera ata n’akabazo mubajije!Zebiya ko abamwemera aribenshi,na Za ndoto Za wa munyamurenge ko hari abazemeye!Oya mureke yozana ishengero rifatiye kur’ivyo yabonye,abomuja inyuma boba benshi,hopfa kuba harimwo akanoti gusa!

  • Nataka izo picha zauyo munyama muzinitumie mu profil yangu sawa

  • muraraba neza ko atari uburyo bwo kwigirira ihayanishwa ry’ivyo akora ngo bamwemere ko ari umuhinga

  • icuyiviro canje nashaka ndamubaze ko zitoba ari inyoni zigira mukirere cane

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.