Accueil > Amakuru > Mu makungu > Abamenyeshamakuru b’imboneshakure RTNC bari bafashwe nk’imbohe n’inkozi (...)
Abamenyeshamakuru b’imboneshakure RTNC bari bafashwe nk’imbohe n’inkozi z’ikibi
lundi 30 Kigarama 2013
Abantu bitwaje ibirwanisho binjiye ahasanzwe hakorera imboneshakure y’igihugu ca Repububila iharanira intwaro rusangi ya Kongo (RTNC) aho mbere bafashe nk’imbohe abamenyeshamakuru bakorera iyo mboneshakure, nk’uko ayo makuru tuyakesha igipolisi c’igihugu.
Muri izo nkozi z’ikibi rero, abashika kuri 40 akaba aribo bahasize ubuzima, inyuma y’aho izo nkozi z’ikibi zitwaje ibirwanisho zinjiye mu nyubakwa isanzwe ikoreramwo imboneshakure RTC, abo bitwaje ibirwanisho baca baguma bagenda ahakorera abamenyeshamakuru. Mu masaha y’agatondo niyo bari bakiri bafashe imbohe n’abantu nk’uko vyamenyeshejwe n’uwusanzwe ajejwe kumenyesha amakuru mu giporisi c’igihugu, Mwana Mputu.
Yagize ati, twaciye dusaba abaza gufasha bandi bapolisi kugira ibintu bisubire mu buryo, ariko rero mu kurindira ko baza, imiryango yose yinjira muri iyo nyubakwa twobamenyesha ko ikingiwe n’igipolisi kugira ntihagire uwubaca murya humye. Amasasu rero atari make akaba yumvikanye i Kinshassa, mbere nta n’umwe yarengana mu mabarabara y’amakaritiye yegeranye n’iyo nyubakwa y’imboneshakure y’igihugu. Mwomenya rero ko iyo mboneshakure itasubiye gukora kuko ico bita signal cari caciwe.
Muri ico gitero, inkozi z’ikibi zigera kuri 40 zikaba arizo zahasize ubuzima, 16 bapfiriye ku kibuga c’indege, 8 bapfira ku nyubakwa z’iyo mboneshakure hamwe na 16 bapfiriye impande y’ibiro bikuru vya gisirikare.
Floxella Karire
Messages
30 Kigarama 2013, 17:22, par Evariste Nibaruta
Ariko Koko Congo Twagira Yaronsamahoro None Ibintu Biracarukwo? Ndashimiye Cane Ico Gipolisi Caciye Kinyaruka Gutabara Ndetse Kikaba Cacunguye Izonzirakarengane.
31 Kigarama 2013, 05:46, par Mama
Jewe nkumurundi sinzigera ngirumunezero ukwiye mumutima wanje mugihe abanye Kongo bazoba bagihendwa bikanabakwegera gupfa ikitaraganye. gusa mwikigihe ndaremye kuko abajejwe umutekano muri Congo baramaze gushirira abazokomeza kubitega bazomera nkagasokozo kavugango: nyegeranyegera bananje turashize? inyishu ni: amazimurukangaga, bishatsekuvugiki? abazogumabisuka kubasirikare bakongo bazogendabanyonga nkamazi atemba ayongera murukangaga canke ubumera murusyo.