Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Abamenyeshamakuru babiri ba RFI bagandaguwe - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Abamenyeshamakuru babiri ba RFI bagandaguwe

Abamenyeshamakuru babiri ba RFI bagandaguwe

dimanche 3 Munyonyo 2013

Amakungu aratera ivyatsi ubwicanyi bwaraye bukorewe abamenyeshamakuru babiri bo mu gihugu c’Ubufaransa. Ku musi w’ejo kuwa gatandatu niho iyo nkuru y’umubabaro yamenyekana. Abamenyeshamakuru babiri, Ghyslaine Dupont na Claude Verlon b’insamirizi y’abafaransa RFI bari banyurujwe mu buraruko bwa Mali mu nyuma bahava bagandagurwa.

Igandagurwa rw’abamenyeshamakuru babiri b’insamirizi y’abafaransa RFI, Ghyslaine Dupont hamwe na claude Verlon ryatewe ivyatsi n’amakungu yose. Mw’itangazo ryashikirijwe ku musi w’ejo n’inama y’umutekano y’ishirahamwe mpuzamakungu ONU barahojeje imiryango yabuze, hamwe na Leta y’Ubufaransa.

JPEG - 17.9 ko
Claude Verlon na Ghyslaine Dupont

Mu masezerano mpuzamakungu, abamenyeshamakuru bigiye uwo mwuga, hamwe n’abantu bose usanga bakorera mu turere turimwo intambara baca bafatwa nk’abanyagihugu basanzwe. Ni nayo mpamvu bakwiye kwubahwa hamwe no gukingirwa nk’abanyagihugu, nk’uko iryo tangazo ryabandanije ribivuga.

Ku mukuru w’igihugu c’ubufaransa y’Ubufaransa, kari akababaro kadasanzwe igihe yumva iyo nkuru y’abo bamenyeshamakuru, Ghyslaine Dupont na Claude Verlon.
Inyuma y’ikiganiro yagize kuri terefone n’umukuru w’igihugu ca Mali, Ibrahim Boubacar Keita, umukuru w’igihugu c’Ubufaransa yamenyesheje ko yiteguye kurwanya iterabwoba. Abo bakuru b’ibihugu uko ari babiri berekanye ugushaka gutuza imirwi yose y’iterabwoba ikiri n’ubu mu gihugu ca Mali.

Amashirahamwe y’abamenyeshamakuru bo mu Burundi nabo nyene barababajwe n’urupfu rw’abo bamenyeshamakuru bo mu gihugu c’Ubufaransa. Bati : "Tuributse cane natwe abo bamenyeshamakuru bagandaguwe bariko barakora umwuga wabo. Abakoze ako kabi kabishe barakwiye gufatwa bongere bacigwe urubanza n’ubutungane. Dusaba abategetsi ba Mali gukora ibishobokja vyose mu gukora amatohoza, kugira abakoze iryo bara bahagarikwe bongere bahanwe."

Muri iryo tangazo basohoye, bahojeje imiryango yabuze n’abakozi basanzwe bakorana n’abo bamenyeshamakuru. Baboneyeho n’akaryo ko gusaba abamenyeshamakuru bagenzi babo kudacika intege babandanye igikorwa cabo co gukorera abanyagihugu bo kw’isi, na cane cane abanyafrika.

Mwomenya ko ayo mashirahamwe ari UBJ (Union Burundaise des Journalistes), ABR (Association Burundaise des Radio diffuseurs), OPB (Observatoire de la Presse au Burundi), hamwe n’ikigo Maison de la presse.

JPEG - 10.7 ko
Claude Verlon na Ghyslaine Dupont bagandaguwe

Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.