Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Abamenyeshamakuru bahawe ubushimwe kubera ibiganiro vy’abana (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Imibano > Abamenyeshamakuru bahawe ubushimwe kubera ibiganiro vy’abana (...)

Abamenyeshamakuru bahawe ubushimwe kubera ibiganiro vy’abana bashikiriza

vendredi 10 Ndamukiza 2015

Bamwe mu bamenyeshamakuru bategura bakongera bagashikiriza ibiganiro bijanye n’abana barahawe ubushimwe na Bonesha FM. Ni mu ntumbero yo gutera intege abakora ibiganiro vy’abana hamwe n’ukuvunira akagohe izindi nsamirizi, canke abamenyeshamakuru badaha ikibanza abana mu biganiro vyabo.

Imbere y’icegera c’uwurongoye "CNC", n’uwujejwe gutanga amakuru muri UNICEF n’umuyobozi wa BONESHA FM, hatanzwe ubushimwe ku bamenyeshamakuru bane, babiri bari mu gisata c’ugushikiriza amakuru "reportage", n’abandi babiri bari mu gisata c’ibiganiro "production".
Ubwo bushimwe bwatanzwe mu ntumbero yo gushigikira abamenyeshamakuru bitaho abana kandi mu ntumbero yo kuvunira akagohe abandi batahora bakora ibiganiro nk’ivyo.

Umurwi watanzwe wize ibiganiro bitandukanye vy’abana bica ku nsamirizi zitandukanye zo mu Burundi, watanga amanota, ukaba wari ufise ivyo wisunga harimwo kuraba ko umumenyeshamakuru ashikiriza ikiganiro ciwe akurikije akarangamutima k’umwuga, akamaro k’ikiganiro, n’uko yakoze amatohoza yiwe, ko ikiganiro cubahirje umwanya n’ibindi.

Uwo murwi wari urongowe na Renovat Tabu, icegera c’uwutwara "Conseil National de la Communication" ku ruhande rwa "Production", wahaye agashimwe ka mbere uumenyeshamakuru NDUWIMANA Jimmy akora ikiganiro kijanye n’ingorane zifise abana batumvikana n’abavyeyi babo. Uwo akora ku mboneshakure y’igihugu. Uwa kabiri yabaye Jean Paul NDUWAMAHORO akora kuri nsamirizi NDERAGAKURA.

Jean Paul NDUWAMAHORO

Ku ruhande rwa "Reportage", Davy Carmel INGABIRE wa BONESHA FM niwe yabaye uwa mbere, uwundi ni KANEZA Carlene, umwe muri ba bana b’abamenyeshamakuru ari kuri Bonesha FM. Uwo mumenyeshamakuru w’umwana nyene yavuze ko ashimishijwe n’agashimwe aronse kubera igikorwa yakoze kijanye n’ubuzima abana bakoreshwa kwimba inzahabu, abona ko agiye kubandanya yitaho ibiganiro nk’ivyo narirya abo bana basa n’abibagiwe.

JPEG - 5.7 Mo
KANEZA Carlene

Mwomenya ko ubwo bushimwe batanzwe bwarimwo amabahasha ava ku mahera y’amarundi 150.000 gushika ku 500.000.

JPEG - 43.4 ko
Davy Carmel Ingabire

Cherif Nkeshimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.