Accueil > Inkino > FOOTBALL > Abamenyeshamakuru bakinyi b’Abarundi bazokwitaba urukino mu Rwanda
Abamenyeshamakuru bakinyi b’Abarundi bazokwitaba urukino mu Rwanda
jeudi 4 Kigarama 2014
Umurwi w’umupira w’amaguru ugizwe n’abamenyeshamakuru b’Abarundi uzofata urugendo ruzowushikana mu Rwanda kwitaba urukino kivandimwo na bagenzi babo bo mu Rwanda.
- Abakinyi b’Abarundi bari mw’ishirahamwe AJSB
Mu ntumbero yo kwunga ubucuti, guhanahana ubumenyi no gushigikira amahoro, abamenyeshamakuru bakinyi b’umupira w’amaguru b’Uburundi bahurikiye mw’ishirahamwe (AJSB), bazokwitaba urukino rwa kivandimwe mu Rwanda. Urukino ruzoba ari urwo gusubiza.
Urukino rwa mbere rwabaye kw’igenekerezo rya 26 Mukakaro ku kibuga citiriwe umuganwa Rudovoko Rwagasore. Urukino rwaheze imirwi yose inganya igitsindo kimwe cinjiye mu gice ca kabiri c’urukino.
Urukino rwo gusubiza ruzoba k’umusase w’uwo wa gatandatu igenekerezo rya 06 Kigarama ku kibuga citiriwe Amahoro mu Rwanda. Umurwi w’Uburundi uzofata urugendo aho bukera kw’igenekerezo rya 05 Kigarama. Imirwi yose yaragize imyiteguro ihagije kubera ishaka ryo gutsinda ku mirwi yose.
- Abakinyi b’Abarundi bari mw’ishirahamwe AJSB
Cherif Nkeshimana
Messages
4 Kigarama 2014, 23:53, par A B C
Bonne Chance abp baturage ntibabatsinde
5 Kigarama 2014, 05:07, par Gaheshi Hicuburundi
turabifurije urugendo no kuronka instsinzi mutere iteka igihugu nkuko mwamye abanyarwanda ntibabatere ubwoba murabarusha [AKABUMBU ]
Umukama abaje imbere
5 Kigarama 2014, 09:09, par vidy
bne chance les amis.agateka ahokamy kuburundi.intsinzi ni cash.abanyarwanda murazi kobiyemeza.
6 Kigarama 2014, 09:08, par TWAGIRIMANA CANISIUS
MURAKAZANEZAMU RWANDA,INTSINZINIYABANYAMAKURUBOMURWANDA,UBUHERU TSETWARARANGANYI JE,ARIKUBUSIKOBIME ZE,NDIZERAKOMWAKI RIWENEZA,IMANA IBAFASHEMURONKE INSINZI,URETEKOBIDAKUNDA,ABANYARWA NDABAKANIYE,MUGI RE UMUNSIMWIZA.
6 Kigarama 2014, 09:17, par TWAGIRIMANA CANISIUS
MURAKAZANEZAMU RWANDA,INTSINZINIYABANYAMAKURUBOMURWANDA,UBUHERU TSETWARARANGANYI JE,ARIKUBUSIKOBIME ZE,NDIZERAKOMWAKI RIWENEZA,IMANA IBAFASHEMURONKE INSINZI,URETEKOBIDAKUNDA,ABANYARWA NDABAKANIYE,MUGI RE UMUNSIMWIZA.
6 Kigarama 2014, 13:41, par TWAGIRIMANA CANISIUS
FERESITASIYO,KUKO MWEREKANYE ABOMURIBO,MUDUKUBISEBITATU,KURIBIBIRISAWA,IBIHEBYIZA.
6 Kigarama 2014, 13:58, par Mukiza
Turabakeje nkuntsinzi muhejeje kuronka murateye iteka u Burundi bwabibaritse mugutsinda abaturage tutabifurije kuganuka mumahoro Sangwa Iwanyu