Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Abamenyeshamakuru b’abarundi bazohurira mu rukino n’ab’Urwanda (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > Abamenyeshamakuru b’abarundi bazohurira mu rukino n’ab’Urwanda (...)

Abamenyeshamakuru b’abarundi bazohurira mu rukino n’ab’Urwanda ntibaramenyekana

jeudi 24 Mukakaro 2014

Mu ntumbero yo guhimbaza umunsi mukuru mpuzamakungu wahariwe ibinyamakuru vy’inkino, kwunga ubucuti no guhanahana ubumenyi, harategekanijwe urukino kivandimwe ruzohuza abamenyeshamakuru b’inkino bo mu Burundi no mu Rwanda.

JPEG - 76.7 ko
Abamenyeshamakuru b’Abarundi bariko barimenyereza

Mu gihe amakungu azohimbaza umunsi mukuru w’ibinyamakuru vy’inkino kuri uwo wa gatandatu igenekerezo rya 26 Mukakaro, abamenyeshamakuru b’inkino bo mu Rwanda bazohura n’abo mu Burundi. Urukino ruzotangura isaha zine z’agatondo ku kibuga Prince Louis Rwagasore.

Ku ruhande rw’Uburundi, kuri uwu wa kane niho abamenyeshamakuru barangiza imyimenyerezo, hace hatorwa abazokina. Ku ruhande rw’Urwanda, abazoza mu rukino bavuga ko bamaze ukwezi kwose bakina n’imirwi ikomakomeye kugira urwo rukino baze barutsinde. Amakuru dukura ku kinyamakuru co mu Rwanda "Ruhagoyacu" atumenyesha ko abagize umurwi uzoza mu Burundi, bagizwe n’abakinyi b’abamenyeshamakuru bakurikira :

- Abanyezamu ni : Frodo Bacaro (Radio Huguka) na Huguka Justin Senga (RBA)

- Abakinyi b’inyuma :

Habimana Sadi (Voice Of Africa), Philbert Hagengimana (Inyarwaranda.com), Claude Hitman(Contact FM), Butare Leonard (RBA), Pacy Mazimpaka (Radio Ishingiro), Kayitankore Dieudone Dodos (Radio 1), Mutabazi Fils (Makuruki.com), Nkotanyi Damas (Izuba Rirashe)

- Abakinyi bakina hagati :

Kamasa Peter (The New Times), Niringiyimana Egide (Inkoramutima), Mbarushimana Aimable Cisse (Kigalisports), Is’aq Mulemba (Voice Of Africa), Jah d’eau Dukuze (Radio Flash), Abbas Mutaranbirwa (Kigalisports).

- Abasatirizi :

Bonnie Mugabe (The New Times), Jean Luc Imfurayacu (Radio 10), Nyabyenda Jean Baptiste (Igihe TV), Samuel Imanishimwe (RC Huye), Jado Max (Radio Flash).

JPEG - 48.4 ko
Umurwi w’abakinyi b’abamenyeshamakuru bo mu Rwanda
JPEG - 97.3 ko
Abamenyeshamakuru b’Abarundi bariko barimenyereza

Mwomenya ko umurwi w’Urwanda uzoshika mu Burundi aho bukera kw’igekerezo rya 25 Mukakaro.


Cherif Nkeshimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.