IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Abamenyeshamakuru bakubaguwe abaporisi barorera

Abamenyeshamakuru bakubaguwe abaporisi barorera

lundi 27 Ndamukiza 2015

Abaporisi b’igihugu baherekejwe n’abakora mu rwego rw’igendereza, basanze abamenyeshamakuru aho bari mu runani rw’amaradiyo baca barabasohora babanje ndetse n’ugukubagurwa.

Umupfasoni Anais Niragira akorera imboneshakure Renaissance, Josiane Muzaneza akorera iradiyo RPA bakaba bakubaguwe, barakubitwa n’abo bari baje kwugariza aho mu kigo c’ukumenyeshamakuru. Uwundi yakubaguwe akaba ari Alexandre Niyungeko asanzwe arongoye ishirahamwe ry’abamenyeshamakuru UBJ. Bamwe mu bakozi b’aho mu kigo c’abamenyeshamakuru bakaba bagiye barakubagurwa n’abo bari baje kwugara ico kigo.

Patrick Nduwimana arongoye radiyo Bonesha, avuga ko ari ibara aho abakenyezi basanzwe imbere y’amamicro bagakubitwa, co kimwe n’abandi bakozi b’ico kigo. agira ati : ’’Nk’abakubise Tharcisse Ndarugirire, umutama w’imyaka 70, ubona bafise ico bubaha?’’. ’’Uwutacubaha umuntu angana na se, utacubaha abakenyezi wumva vyogenda gute? Turi mu gihugu umwe wese asigaye akora ivyo ashaka’’.

Tukabamenyesha ko ubu naho, iradiyo RPA ishami ry’i Ngozi bahejeje kuyugara, kw’itegeko rya buramatari w’iyo ntara Claude Nahayo na Buganyira Daphrose umushikirizamanza wa Repuburika mu ntara ya Ngozi.


Aristide Nizigire

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.