Accueil > Amakuru > u Burundi > Abamenyeshamakuru barenga 1240 bo kw’isi basavye ko mugenzi wabo Hassan (...)
Abamenyeshamakuru barenga 1240 bo kw’isi basavye ko mugenzi wabo Hassan Ruvakuki yorekurwa
lundi 14 Nzero 2013
Mu minsi itatu, ishirahamwe ry’abamenyeshamakuru batagira imbibe Reporters Sans Frontiers rimenyesha ko abamenyeshamakuru barenga 1240 bamaze gushira umukono ku rwandiko rusaba ko umumenyeshamakuru Hassan Ruvakuki w’iradiyo RFI na Bonesha FM yorekurwa.
Ishirahamwe ry’abamenyeshamakuru batagira imbibe Reporters Sans Frontiers rimenyesha ko abo bamenyeshamakuru bakorera ibimenyeshamakuru n’amaradiyo vy’ibihugu birenga 10. Bose ngo bahuriza k’ukuvuga ko Ruvakuki akorera iradiyo y’abafaransa RFI n’iradiyo yo mu Burundi Bonesha FM ata caha yakoze kuko yahaye ijambo uwari yavuze ko agwanya Reta y’u Burundi.
Abo bamenyeshamakuru bashize umukono kuri urwo rwandiko bakorera ibinyamakuru n’amaradiyo vyo mu bihugu bikurikira :
Burundi : Radio Bonesha FM, Groupe Iwacu, Radio Isanganiro, Net Press, Union Burundaise des Journalistes
France : Audiovisuel extérieur de la France
en Mauritanie : Le Calame, Cridem
au Cameroun : Quotidien Mutations
au Madagascar : Radio Tana, L’Observateur, La Gazette de la Grande Ile
au Gambie : The Point
au Niger : Groupe Radio-Télévision Saraounya (RTS), Maison de la Presse de Niamey
au Burkina Faso : Centre de Presse Norbert Zongo, Forum des Editeurs Africains
au Gabon : Gabonactu.com
au Tchad : Hebdomadaire Le Temps
en Côte d’Ivoire : L’Inter
Christophe Deloire, umunyamabanga mukuru wa Reporters Sans Frontieres, avuga ati :’’Iyi ni intango, sinkekeranya ko n’abandi bamenyeshamakuru b’ayandi maradiyo bazoshira umukono kuri urwo rwandiko rwo gusaba ko Ruvakuki yova mu munyororo. Tugiye kubivuga cane kandi hose’’. Amenyesha kandi ko urwo rwandiko ruri kuri site afrique@rsf.org)
Hassan Ruvakuki aheruka gucirirwa umunyororo w’imyaka 3 na sentare isubiramwo imanza y’i Gitega, yagiriwe n’icaha co kwifadikanya n’ishirahamwe ryashingiwe muri Tanzaniya mu ntumbero yo kuzimanganya ubuzima bw’abanyagihugu n’ibintu vyabo. Sentare ya cankuzo yari yamuciriye gufungwa ubuzima bwiwe bwose ku caha co gukorana n’imigwi y’iterabwoba.
Aho ni mugihe ababuranira Ruvakuki baheruka kwandikira umushikiranganji w’ubutungane bamusaba ko yofata ingingo yo kurekura Ruvakukinkuko yamaze kurenza ica kane c’igihano c’imyaka 3 yaciriwe.
Umushikirizamanza wa republika i Gitega arinawe amwagiriza yaciye yunguruza urubanza avuga ko yagaye ico gihano.
Ababuranira Hassan Ruvakuki bavuga ko ivyo bitobuza ko umushikiranganji w’ubutungane afata ingingo yo kurekura ruvakuki mugihe yokubahiriza amategeko.
Pierre Claver Niyonkuru